Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 20:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Baramugenza, batuma abo kumudaha bīgira intungane, ngo bakūre urwitwazo mu vyo avuga, bamushīre segaba nyen’ ububasha, ari we cēgēra ca Kayisari.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Nuko batangura kumugenza, bahera abantu bigize intungane ngo bamutegere mu majambo avuga, kugira ngo barabe ko boronka ivyo bamurega ku bategetsi b’Abaroma.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 20:20
20 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Yowabu atuma i Tekowa guhamagaza umugore w’ umunyabgenge; aramubarira, ati Ntabara wīgire nk’ūgandaye, wambare nk’ūri ku kigandaro, ntiwīsīge amavuta, arik’ use n’umugore amaze imisi myinshi agandariye uwapfuye.


Kand’ abahama ubugingo bganje bantega imitego; Abandonderera ivyago bavuga ivyo kunyigamba, Biyumvira ivy’ ubugunge umusi ukīra.


Mubgire Imana, mut’ Ereg’ ibikorwa vyawe biteye ubgoba! Ubushobozi bgawe bginshi buzotuma abansi bawe bose bakwunamira baguhema.


Abansi b’Uhoraho bakamwunamira bamuhema: Ariko ba bandi bakaramba ibihe vyose.


Ariko nari mmeze nk’umwagazi w’intama w’ikirīga ujanwa kubāgwa; sinari nzi yuko bampigiye imihigo, bat’ Enda turandurane igiti n’ivyo camye, tumukūre mw isi y’abakiriho, kugira ngw izina ryiwe ntiribe ricibukwa ukundi.


Maze baravuga, bat’ Enda ni muze, duhigire imihigo Yeremiya; kukw ahar’ umuherezi hatobura n’ivyagezwe, kand’ ahar’ umunyabgenge ntihobura n’inama, kand’ ahar’ ūvugishwa n’ Imana ntihobura ijambo ryayo. Enda ni muze, tumukubitishe intega y’ururimi, ntidushire umutima ku magambo yiwe, mwo na rimwe.


Kuko numvise benshi bandementaniriza, ubgoba bukantera irya n’ino. Abakunzi banje pfampfe bose, ni bo barereka ko notsitara, bavuga, bati Mumurege, natwe tumurege, kumbure yogwa mu mutego, natwe tukamunesha, tukamwīhōra.


Maze ba bakuru n’abaganwa baherako barondera urwitwazo rw’ ico borega Daniyeli ku vy’igihugu; ariko bamuburak’ urwitwazo na rumwe cank’ igitiriganye; kuko yar’ umwizigirwa, ntabonekekw amafuti cank’ igitiriganye na kimwe.


Baramuboha baramujana, bamushikiriza Pilato, icēgēra ca Kayisari.


baramugenza ngo barābe kw amukiza kw isabato, ngo bamurege.


bamutega ngo bafate ijambo ryomukorokana.


Baramubaza, bati Mwigisha, turazi yuk’ uvuga kandi wigisha neza, kandi k’udatinya ijunja ry’abantu, ariko ko wigisha inzira y’Imana vy’ukuri:


Ntibāshobora gukūra urwitwazo mur’ ayo majambo imbere y’abantu, batangazwa n’ivyo abishuye, barahora.


Kand’ ukwifuza inyungu kwabo kuzobatera kwunguka kuri mwebge, bababgiye amagambo y’amaremano: gucirwakw iteka kwabo uhereye kera ntiguteba, no guhona kwabo ntiguhunyiza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ