Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 20:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Nyen’ uruzabibu aribaza, ati Ngire nte? Ndatuma umwana wanje nkunda, kumbure bazomusonera.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Nyene uruzabibu aribaza ati: ‘Mbega yemwe ngire gute? Reka ndungike umuhungu wanje nkunda cane, kumbure wewe bazomusonera.’

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 20:13
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ico nari gukorera uruzabibu rwanje ntārukoreye n’igiki? Ko naziga ko ruzokwama inzabibu, n’iki catumye rwama ibijabija vy’inzabibu?


Kumbure ab’ inzu ya Yuda bokwumva ivyago vyose nageneye kubatēza, bagahindukira, umuntu wese akava mu nzira yiwe mbi, kugira ngo mbone guharira ukugabitanya kwabo n’icaha cabo.


Kumbure bokwitwara k’Uhoraho, bagahindukira, umuntu wese akareka inzira yiwe mbi: kuk’ uburake n’ubushangashirwe, ivyo Uhoraho yabūye kur’ ubu bgoko, ar’ ibihambaye.


Nuko rero wewe mwana w’ umuntu, ni witegure ibintu vyo ku nzira, uheze ujonjore ku murango bakubona; ujonjore uve i wawe uje ahandi bakubona: kumbure vyobatera kwibaza, nah’ ar’ inzu y’abagarariji.


Noshobora nte kuguheba ga Efurayimu? Noshobora nte kugutanga ga Isirayeli? Noshobora nte kukugirira nk’i Adima? Noshobora nte kuguhindura nk’i Seboyimu? Umutima wanje ubuze uburagamo muri jewe, n’imbabazi zanje zose zirakongerejwe.


Ewe Efurayimu, mbega nkugire nte? Nawe nyene Yuda, ndakugire nte? Kuk’ urukundo munkunda rumeze nk’igipfungu co mu gatondo‐tondo, kandi nk’ urume ruta mu kanya gato.


Akivuga, haza igicu gikayangana, kibatera igitūtu; kand’ ijwi riva muri nya gicu, riti Nguyu Umwana wanje nkunda, akampimbara; ni mumwumve.


Buno rer’ ijwi riva mw ijuru, rit’ Uyu ni we Mwana wanje nkunda, akampimbara.


arababgira, ati Mu gisagara habaye umucamanza, adatinya Imana, ntagire udusoni ku bantu.


Amara imisi atemera, ariko hanyuma aribgira, ati Naho ntatinya Imana, kandi singire isoni z’abantu,


Atuma n’uwa gatatu; uwo na we baramukomeretsa, baramuhinda.


Arikw abo barimyi bamubonye baja inama, bat’ Urya ni we samuragwa; tumwice, kugira ng’ umwandu uz’ ube uwacu.


Ijwi riva muri nya gicu, riti Nguyu Umwana wanje natoranije, ni mumwumve.


Nanje narabibonye, narabishingiye intahe yuk’ uyo ar’ Umwana w’Imana.


Ic’ ivyagezwe bitāshoboye gukora kuko bifise intege nke kubg’ akameremere kacu, Imana yatumye Umwana wayo, afise ishusho y’umubiri w’icaha, kuba ikimazi c’icaha, itsindisha icaha kiri mu mubiri,


Maz’ igihe gikwiye gishitse, Imana ituma Umwana wayo, yavyawe n’umugore, kandi yavutse aganzwa n’ivyagezwe,


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ