Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 2:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Umumarayika w’Umwami Imana ahagarara i ruhande yabo, ubgiza bg’Umwami bubakayanganira irya n’ino, baterwa n’ubgoba bginshi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Umumarayika w’Umwami Imana arabiyereka, ubwiza bw’Umwami Imana bubakayanganira impande zose, na bo baterwa n’ubwoba bwinshi cane.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 2:9
27 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

bituma abaherezi badashobora guhagararayo ngo bahēreze kubg’ ico gicu, kuk’ ubgiza bg’Uhoraho bgari bguzuye mur’ iyo ngoro yiwe.


Nuko Aroni akirikw aravugana n’ikoraniro ryose ry’Abisirayeli, bahindukiye babona mu bugaragwa ubgiza bg’ Uhoraho bgiyerekaniye muri ca gicu.


kandi mu gitondo ni ho muzobona icubahiro c’Uhoraho: kuko yumvise ingene mumwidodombera; natwe ga twar’ iki, aho mutwidodombera?


Buzoshurika amashurwe menshi, buhimbaranwe umunezero n’indirimbo; buzohabga ubgiza bg’i Lebanoni, n’ugushaza kw’i Karumeli n’i Sharoni: bazobona ubgiza bg’Uhoraho, ugushaza kw’ Imana yacu.


Maz’ ubgiza bg’Uhoraho buzohishurwa, kand’ abafise umubiri bose bazobubonera rimwe, kukw akanwa k’Uhoraho ari ko kabivuze.


Haguruka ukayangane, kuk’ umuco wawe ushitse, kand’ ubgiza bg’Uhoraho bukaba bukurasiye.


Nca mva hasi nja mu kiyaya; mbona ubgiza bg’Uhoraho buhahagaraye, bumeze nk’ubgiza naboneye ku ruzi Kebari: maze nikubita hasi nubamye.


Akivyiyumvira, umumarayika w’Umwami Imana amwiyerekera mu nzozi, aramubarira, ati Yosefu, mwana wa Dawidi, ntutinye kurongora Mariya umugeni wawe, kukw atwaye inda ya Mpwemu Yera.


Yinjira ah’ ari, aramubgira, ati N’amahoro, ugiriwe ubuntu, Umwami Imana ari kumwe nawe.


Mur’ iyo ntāra hār’ abungere bārāra mu gahinga barāririye umukuku w’intungwa zabo.


Ivyo bikibazazaniye, abagabo babiri bahagarara i ruhande yabo, bambaye impuzu zikayangana.


Ivyo Yesaya yabivuze, kuko yabonye ubgiza bgiwe, kandi ni we yavuzeko.


Maz’ umumarayika w’Umwami Imana amuhagarara i ruhande, umuco ubonesha mu nzu. Akoma Petero mu mbavu, aramukangura, ati Vyuka n’ingoga. Iminyororo imuva ku maboko, irakoroka.


Kuko mur’ iri joro umumarayika w’Imana, nd’ uwayo, kandi ni yo nkorera, yahagaze i ruhande yanje,


Maz’ umumarayika w’Umwami Imana ahenga mw ijoro yugurura inzugi z’ibohero, abakūrayo, arababgira,


Tweho twese, ko tutitwikiriye mu maso, tukerekana nk’icirore ubgiza bg’Umwami, turahinduka, tugashushanywa n’iyo shusho, tukava mu bgiza tukaja mu bundi, nk’abahindurwa n’Umwami, ari we Mpwemu.


Imana, imwe yavuze ng’ Umuco wāke, uvuye mu mwiza, ni yo yākiye mu mitima yacu, kwerekana umuco, ni wo kumenya ubgiza bg’Imana buri mu nyonga ha Yesu Kristo.


Nta wuhakana yukw ibanga ryo kwubaha Imana ridahambaye cane, n’iri: umwe yerekanywe afise umubiri, akaboneka kw ar’ umugororotsi mu mpwemu, akabonwa n’abamarayika, akamenyekanishwa mu banyamahanga, akizererwa mw isi, akadūzwa agahabga ubgiza.


Kand’ ivyabonetse vyar’ ibiteye ubgoba, vyatumye Mose avuga, ati Mfise ubgoba cane, ndahinda agashitsi.


Hanyuma y’ivyo mbona umumarayika wundi, amanuka avuye mw ijuru, afise ubutware buhambaye, isi ibonesherezwa n’ubgiza bgiwe.


Mbona intebe niniya yera, mbona n’Iyivyagiyeko, isi n’ijuru bihunga mu nyonga hayo, aho vyahora ntihaba hakiboneka.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ