Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 2:49 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

49 Arababaza, ati N’iki cabateye kundondera? Ntimwari muzi yuko bikwiye ko mba kwa Data?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

49 Yesu aramubaza ati: “Mbega mwandonderera iki? Ntimwari muzi ko ntegerezwa kuba mu nzu kwa Data?”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 2:49
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mpimbawe no gukora ivyo ugomba, Mana yanje; Mber’ ivyagezwe vyawe biri mu mutima wanje.


Umve ngira ntume integuza yanje, indoranirize inzira imbere yanje: kand’ Umwami murondera azoshika giturumbuka mu rusengero rwiwe, ari we ntumwa y’isezerano munezererwa, eh’ araje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Yesu yinjira mu rusengero rw’Imana, ahindira hanze abadandariza mu rusengero n’abaruguriramwo bose, ahenura ameza y’abavunja amahera n’intebe z’abāriko baragurwakw inuma.


Bamubonye baratangara, nyina aramubaza, ati Mwananje, n’iki catumye utugirira urtyo? Urabona twe na so aho twakurondereye tubabaye.


Yesu arababgira, at’ Indya zanje n’ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.


Yesu arababgira, ati Data arakora kugeza n’ubu, nanje ndakora.


Ariko jewe mfise ikinshingira intahe kuruta Yohana, kukw ibikorwa Data yampaye ngo mbiheraheze, ivyo bikorwa nyene nkora ni vyo binshingira intahe yuko Data ari we yantumye.


Kuko ntākūwe mw ijuru no gukora ivyo nigombera, ariko nazanywe no gukora ivy’ uwantumye agomba.


Kand’ uwantumye turi kumwe na we, ntiyansize jenyene, kuko jewe na ntaryo nama nkora ibimuhimbara.


Twebge dukwiye gukora ibikorwa vy’uwantumye hakibona; buhava bgira, ata wugishobora gukora.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ