Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 2:46 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

46 Hashize imisi itatu bamubona mu rusengero, yicaye mu bigisha hagati, abumva, kand’ ababaza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

46 Haheze imisi itatu, bamusanga mu rusengero yicaranye n’abigisha b’ivyagezwe, abumviriza yongera ababaza ibibazo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 2:46
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko ku musi ugira gatatu Yerobowamu n’abantu bose baza ku mwami Rehobowamu, nk’uko yababariye kuzogaruka i we ku musi ugira gatatu.


Arabishura, ati Ni mugende mumare imisi itatu, muze muheze mugaruke. Nukw abantu baragenda.


Umwami Uhoraho ampaye ururimi rw’abigishwa, kugira ngo mmenye uko nosindagirisha ūrushe amajambo; ankangura uko bukeye, akangurira ugutwi kwanje kwumva, nk’ukw abigishwa bumviriza.


Nk’uko Yona yamaze imisi itatu n’amajoro atatu mu nda y’urufi, ni ko n’Umwana w’umuntu azomara imisi itatu n’amajoro atatu i kuzimu.


Kuva ubgo Yesu atangura guserurira abigishwa biwe kw akwiye kuzoja i Yerusalemu no kuzobabazwa uburyo bginshi n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, no kuzozurwa ku musi ugira gatatu.


Abamwumvise bose batangazwa n’ubgenge bgiwe n’ivy’ abishura.


Ku musi umwe muri yo yarigisha. Abafarisayo n’abigisha ivyagezwe bāri bicayeho, bavuye mu mihana yose y’i Galilaya n’i Yudaya n’i Yerusalemu; kand’ ubushobozi bg’Umwami Imana bgari muri we bgo gukiza indwara.


Yesu aramwishura, ati Ni wewe mwigisha w’Abisirayeli, kandi ntutahura ivyo?


Maze hahaguruka umwe mw ikombe, w’Umufarisayo yitwa Gamaliyeli, umwigisha w’ivyagezwe, yubahwa n’abantu bose, avuga ko bataramura abo bantu akanya gato.


bagomba kuba abigisha b’ivyagezwe, ariko ntibatahura ivyo bavuga n’ivyo bashingira intahe babishimikiye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ