Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 2:40 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

40 Kand’ uno mwana arakura, agwiza inkomezi, yuzuzwa ubgenge, ubuntu bg’Imana bgari kuri we.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

40 Uwo mwana arakura, arakomera, agwiza ubwenge, kandi ubuntu bw’Imana bwari kuri we.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 2:40
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko ni wewe wankūye mu nda ya mama: Wanyijigije nkiri kw ibere rya mama.


Uri n’ubgiza buruta ubg’ abana b’abantu; Igikundiro gisutswe mu minwa yawe: Ni co gitumye Imana iguha umugisha w’ibihe bidashira.


Nya mwana arakura, agwiza inkomezi z’umutima, aba mu bugaragwa kugeza umusi yerekewekw Abisirayeli.


Abamwumvise bose batangazwa n’ubgenge bgiwe n’ivy’ abishura.


Kandi Yesu agwiza ubgenge no gukura no gushimwa n’Imana n’abantu.


Kand’ uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubgiza bgiwe, n’ubgiza bumeze nk’ubg’ Umwana w’ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n’ukuri.


Kand’ intumwa zāshingira intahe ukuzuka kw’Umwami Yesu ziri n’ubushobozi bginshi, kand’ ubuntu bg’Imana bginshi buba kuri bo bose.


Ibisigaye, muremesherezwe mu Mwami wacu, no mu bushobozi bgiwe bginshi.


Weho mwana wanje, ugirire ubushobozi mu buntu buri muri Kristo Yesu,


Hanyuma uwo mugore avyara umwana w’umuhungu, amwita Samusoni; uwo mwana arakura, Uhoraho amuha umugisha.


Ariko Samweli akorera Uhoraho, kandi yar’ akir’ umwana, yari yambaye efodi yera derere.


Maz’ Uhoraho agendera Hana, asama inda, aja imbere avyara abana b’abahungu batatu n’abakobga babiri. Arik’ uwo mwana Samweli akurira imbere y’Uhoraho.


Arik’ uwo mwana Samweli akomeza gukura, no gushimwa n’Uhoraho n’abantu.


Nuko Samweli arakura, Uhoraho abana na we; ntiyakunda ko hagira ijambo na rimwe rya Samweli rikorokera hasi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ