Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 2:37 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

37 kandi yamaze imyaka mirongumunani n’ine ar’ umupfakazi, ntiyava mu rusengero gusenga, yisonzesha yinginga, ku murango no mw ijoro.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

37 akaba yari amaze imyaka mirongo umunani n’ine ari umupfakazi. Yama mu rusengero ijoro n’umurango, akorera Imana, asenga kandi yisonzesha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 2:37
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Mana yanje, ntakambira ku murango ntunyishure: Ntakambira no mw ijoro, simpore.


N’ukuri ivyiza n’imbabazi bizonyomako imisi yose y’ ukubaho kwanje, Nanje nzoba mu ngoro y’Uhoraho ibihe vyose.


Ico nsaba Uhoraho ni kimwe, ni co nzohora nitwaririka: N’ukuba mu ngoro y’Uhoraho imisi yose y’ubugingo bganje, Nkarāba ubgiza bg’Uhoraho, nkihweza urusengero rwiwe.


Kuko kumara umusi umwe mu nyubakwa zawe kuruta kumara iyindi igihumbi ahandi. Nopfuma mpagarara ku gisapfu c’ingoro y’Imana yanje, Hako noba mu mahema y’ abanyakibi.


Hahirwa ababa mu ngoro yawe, Bama bagushima ubudasība. Sela.


Abatewe mu rugo rw’Uhoraho Bazototaharira mu nyubakwa z’Imana yacu.


Maz’ acura ikigārigāri mu miringa, co gukaraba, acura n’ intebe yaco mu miringa nyene, abicuze mu vyīrore vy’imiringa vy’abagore bākoranira ku muryango w’ihema ry’ibonaniro gukora ibikorwa.


Na bo baramubgira, bat’ Abigishwa ba Yohana barisonzesha kenshi bagasenga, n’ab’ Abafarisayo n’uko, arikw abawe barīrīra, barīnywera.


Nuko bisonzesheje, basenze, babarambitsekw ibiganza, barabarungika.


Kandi bamaze kubatorera abakuru mu mashengero yose, no gusenga bisonzesha, babaragiza Umwami Yesu, uwo bizeye.


ivyo imiryango yacu cumi n’ibiri yizigira kuzobona, ikorera Imana ishizek’ umwete mwinshi ku murango no mw ijoro. Kandi ni kubg’ ivyo vyizigiro ndezwe n’Abayuda, mugenzi!


Umupfakazi w’inyakamwe asigaye ar’ umwe, yizigira Imana, agashishikara kwinginga no gusenga ku murango no mw ijoro.


Ūnesha nzomugira inkingi yo mu rusengero rw’Imana yanje, kandi ntazosohoka ukundi, nanje nzomwandikakw izina ry’Imana yanje, n’iry’ umurwa w’Imana yanje, ni wo Yerusalemu musha, wururuka uvuye mw ijuru ku Mana yanje, kandi nzomwandikakw izina ryanje risha.


Ni co gituma baba imbere y’intebe y’Imana, bakayikorera mu rusengero rwayo ku murango no mw ijoro: kand’ Īvyagiye kur’ irya ntebe izosanza ihema ryayo hejuru yabo.


Nta wera nk’Uhoraho, Kukw ata yindi mana, atari we: Kandi nta gitandara kimeze nk’Imana yacu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ