Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 2:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Simeyoni arabahezagira, abgira nyina Mariya, at’ Umve, uyu ashiriweho kugira ngo benshi mu Bisirayeli bagwe, benshi bavyuke, no kuzoba ikimenyetso kigawa,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Nuko Simeyoni arabahezagira, maze abarira Mariya ati: “Uwu mwana ashizweho kugira ngo, muri Isirayeli, abantu benshi bagwe, abandi bavyuke. Azoba ikimenyetso kivuye ku Mana, ariko benshi bazomugwanya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 2:34
38 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ahezagira Aburamu, at’ Uragahabga umugisha n’Imana Isumba vyose, Nyen’ ijuru n’isi:


Yosefu araheza yinjiza na se Yakobo, amushikana imbere ya Farawo: Yakobo ahezagira Farawo.


Mose yitegereza ivyo bākoze vyose, asanga barabiroranije; nk’uk’ Uhoraho yari yaravuze, ni ko bābikoze: Mose arabahezagira.


Ehe twe n’abana Uhoraho yampaye tur’ abo kubera Abisirayeli ibimenyamenya n’ibitangaza biva k’Uhoraho Nyen’ ingabo aba ku musozi Siyoni.


Ni nde azi ubgenge? N’atahure ivyo! Ni nde w’umuhanga? N’abimenye! Kukw inzira z’ Uhoraho ar’ iziroranye, kand’ abagororotsi ni bo bazozigendamwo; arikw abacumura bazozigwamwo.


Umwana w’umuntu yaje, arya, anywa, baravuga bati Nguyu umukunzi w’inda n’umunoho wa vino, incuti y’abatozakori n’abanyavyaha. Kand’ ubgenge burangwa ko bugororotse n’ibikorwa vyabgo.


Akivugana n’ishengero, nyina na bene nyina bāri bahagaze hanze, bagomba kubonana na we.


Arik’ ūzogwa kur’ iryo buye azovunagurika; arik’ uwo rizogwako rizomuvungura.


baramubgira, bati Mugenzi, twibutse yuko wa muhumvyi akiriho yagize ngw imisi itatu ishize azozuka.


kandi nawe inkota izogucumita mu mutima, ngw ivyiyumviro vy’imitima myinshi bize biserurwe.


Kuk’ ūkora ibibi wese yanka umuco, kandi ntaza ku muco, kugira ngw ibikorwa vyiwe ntibihanwe.


Ni co catumye Abayuda barushiriza kurondera ingene bomwica, kukw atākēngereye isabato gusa, arikw agatakw akīta Imana kw ari Se bgite, akīringaniza n’Imana.


Arikw Abayuda babonye ishengero ryinshi, buzura ishari, bahakanya ivyo Paulo avuze, barabicokora.


Bababuze, bakwegera Yasona na bene Data bamwe imbere y’abaganza igisagara, barasemerera, bat’ Abāteye isi yose umugūmūko bashitse n’ino,


Twabonye uyu muntu ar’ ikīza, atera umugararizo Abayuda bose bari mu bihugu vyose; ni we remezo ry’igice c’Abanazareti.


Ariko turagomba kwumva ivyo wiyumvira, kukw ico gice tuzi yuko bakivuga nabi hose.


Abami bo mw isi batonze urugamba, N’abakuru bakoraniye hamwe, Kurwanya Uhoraho n’Uwo yarobanuje amavuta.


Nukw ijambo ry’Imana riragwira; abigishwa barōndōka cane i Yerusalemu, abaherezi b’akavuvu bumvira ukwizera.


Ni ku ki? N’uko batābironderesheje ukwizera, yamara bābironderesheje ibikorwa nk’ivyobibahesha, batsitara kuri rya buye ritsitaza,


ariko tweho tubabarira ivya Kristo yabambge: uyo ku Bayuda n’ikigwisha, ku banyamahanga n’ubupfu:


Melekisedeki uyo, umwami w’i Salemu, umuherezi w’Imana isumba vyose, ni we yasanganiye Aburahamu, aramuhezagira, hamwe Aburahamu yatabaruka, avuye kunesha abami,


Ariko nta wohakana k’uworoshe adahezagirwa n’ūmurengeye.


Iyo mututswe muhōwe izina rya Kristo, muba muhiriwe: kuko Mpwemu w’ubgiza, ari we Mpwemu w’Imana, aba kuri mwebge.


Eli na we agahezagira Elukana n’umugore wiwe, at’ Uragahabga uruvyaro n’Uhoraho kur’ uyu mugore, abasubirize mu bukandu bg’ uwo yahaye Uhoraho kw’ inkūka; bagaheza bagasubira i wabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ