30 Kukw amaso yanje abonye agakiza kawe,
30 Kuko amaso yanje yiboneye agakiza,
Ewe Uhoraho, niteze agakiza kawe!
Uhoraho, ndishimiye agakiza kawe, Kandi nkora ivyo amabgirizwa yawe avuga.
Uhoraho, nifuje agakiza kawe, Kand’ ivyagezwe vyawe ni vyo bimpimbara.
aravuga, ati Kuba umushumba wanje, ugashira hejuru imiryango ya Yakobo, ukagarukana abarokotse b’Abisirayeli, ivyo ntibihāgije: ariko kandi ndagushizeho ng’ ube umuco wākira amahanga, kugira ngo n’ abo ku mpera y’isi ubashikirize agakiza kanje.
Uhoraho akumye impuzu ku kuboko kwiwe kwera mu maso y’amahanga yose, kand’ impera z’isi zose zizobona agakiza k’Imana yacu.
Ako wateguye mu maso y’amoko yose,
Maz’ abafise umubiri bose bazobona agakiza k’Imana.
Nuko mumenye yukw ako gakiza k’Imana kārungitswe ku banyamahanga: kand’ abo bazokwumva. [