Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 2:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Kandi muri Yerusalemu hār’ umuntu yitwa Simeyoni; uyo yar’ umuntu agororotse kandi yubaha Imana, yar’ arorereye uguhumurizwa kw’Abisirayeli, Mpwemu Yera yari kuri we.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 I Yerusalemu hari umugabo yitwa Simeyoni, yari umugororotsi kandi yubaha Imana. Yari yiteze kubona ukwirurwa kwa Isirayeli, kandi Mpwemu Yera yari kuri we.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 2:25
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uru ni rwo ruvyaro rwa Nowa. Nowa yar’ umugororotsi, ntiyagira agasembga mu gihe c’urunganwe rwiwe: kandi Nowa yagendana n’ Imana.


Mu gihugu c’i Uzi hār’ umuntu yitwa Yobu; kand’ uwo muntu yar’ umuntu atunganye w’umugororotsi, yubaha Imana, akitandukanya n’ikibi.


Uhoraho abaza Satani, ati Mbega witegereje umusavyi wanje Yobu, yukw ata wuhwanye na we mw isi, ar’ umuntu atunganye w’umugororotsi, anyubaha, akitandukanya n’ikibi?


Nuko kur’ uwo musi bizovugwa, ngw Eh’ iyi ni yo Mana yacu; ni yo twari turorereye, na yo iradukiza: uyu ni we Uhoraho; ni we twari turorereye; duhimbarwe, tunezererwe agakiza kiwe.


Ni muhūmurize abantu banje, ni mubahūmurize, ni kw Imana yanyu igize.


Ko yakweretse iciza ic’ ari co, ga yewe muntu: mbega har’ ikindi Uhoraho akugombako, atar’ ugukora ibiroranye, no gukunda kugira imbabazi, no kugendana n’Imana yawe wicishije bugufi?


Uhoraho amanuka ari muri ca gicu, amubarira amajambo, araheza yābīra ku mpwemu iri kuri Mose, ayishira kur’ abo bakuru mirongwirindwi: maz’ iyo mpwemu ibahagazeko baca bavugishwa n’Imana, ariko bagarukirizaho.


Mose aramubaza, ati Ni jewe ufitiye ishaka? Icompa abantu bose b’Uhoraho bakaba abavugishwa na we, Uhoraho akabashirakw impwemu yiwe!


haza Yosefu w’i Arimataya, umunyekombe w’icubahiro, kandi na we yar’ areretse ubgami bg’Imana, ararinduka aja kuri Pilato, asaba ikiziga ca Yesu.


Maze Elisabeti yumvise indamukanyo ya Mariya, inda ikinagira muri we, Elisabeti yuzuzwa Mpwemu Yera,


Bompi bāgororoka imbere y’Imana, bāgendera mu vyagezwe n’amabgirizwa vy’Umwami Imana vyose, batagawa.


Se Zakariya yuzuzwa Mpwemu Yera, avugishwa n’Imana,


Ako kanya aca araza, ashima Imana, avuga ivya Yesu, abibgira abāri barorereye ugucungurwa kw’i Yerusalemu bose.


Uwo ntiyari yafatanije inama n’abandi n’ivyo bākoze; yar’ Umunyarimataya, igisagara c’Abayuda, yar’ areretse ubgami bg’Imana.


Yar’ umuntu yubaha Imana akayitinyana n’abo mu nzu yiwe bose, yagirira abantu ubuntu bginshi, agasenga Imana ubudasība.


Baramwishura, bati Koruneliyo, umugabisha w’abasoda ijana, umuntu agororoka yubaha Imana, ashimwa n’ubgoko bgose bg’Abayuda, yabariwe n’umumarayika yera kugutumako, ng’ uze i we, yumve amajambo yawe.


I Yerusalemu hār’ Abayuda bamyeho, abagabo bubaha Imana, bāri bāravuye mu mahanga yose yo musi y’ijuru.


Ni co gituma na ntaryo nkobereza kugira umutima utanyagiriza ikibi ku Mana canke ku bantu.


Uhoraho Imana yanyu azobahagurukiriza ūvugishwa na we ameze nkanje, ava muri mwebge, mu b’i wanyu: az’ abe ari we mwumvira.


kukw ata jambo ry’abāvugishwa n’Imana ryazanywe no kugomba kw’umuntu, arikw abantu bāvuga ivyava ku Mana, barōngōwe na Mpwemu Yera.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ