Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 2:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Ba bamarayika bahejeje kuva aho bari, basubiye mw ijuru, nya bungere baravugana, bati Ngo rero tuje i Betelehemu, turābe ico kintu cabayeyo, ico Umwami Imana atumenyesheje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

15 Abo bamarayika bamaze gusubira mw’ijuru, ba bungere baca baravugana bati: “Nimuze tugende i Betelehemu kuraba ivyabaye, ivyo Umwami Imana atubwiye.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 2:15
12 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Igihe Uhoraho yagomba kujana Eliya mu gashururu ngw amudūgane mw ijuru, Eliya na Elisa bāri mu nzira bava i Gilugali.


Hanyuma bakiriko baragenda bayāga, bagize bartya, umukogote w’umuriro n’amafarasi y’umuriro birabatandukanya; Eliya adūganwa mw ijuru n’agashururu.


Ibikorwa vy’Uhoraho birahambaye, Biseswa n’abo bihimbara bose.


Mose arīvuganya, ati Hinge nkīkame ndābe karya katābonetse, mmenye igituma igisaka kidatemutse.


Umugabekazi w’igihugu c’i bumanuko azovana hasi n’ab’ iki gihe ku musi w’amateka, abatsindishe: kuko yavanywe ku mpera y’isi no kwumva ubgenge bga Salomo; kandi rāba, ūruta Salomo ari hano.


zit’ Icubahiro ni kibe ku Mana ahasumba ijuru, No mw isi amahoro abe mu b’inezererwa.


Bagenda banyaruka, babona Mariya na Yosefu n’uruyoya rubīkiriwe mu bgato bg’inka.


Akibahezagira, atandukanywa na bo, adūzwa mw ijuru.


ar’i buryo bg’Imana, kuko yagiye mw ijuru, amaze guhabga gutwara abamarayika n’abanyabubasha n’abanyabushobozi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ