Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 2:1 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

1 Mur’ iyo misi icagezwe kiva kwa Kayisari Augusito, ngw abo mw isi bose bandikwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

1 Muri iyo misi, Kayisari Ogusito, umwami w’abami w’Abaroma, asohora itegeko ko haba urusansuma rw’abantu bose baba mu bwami bw’Abaroma.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 2:1
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuk’ umwami Ahasuwerusi atangisha ikori igihugu cose n’abo mu bizinga vyo mu kiyaga.


non’ utubgire, wiyumvira ute? Biremerwa gutanga ikori rya Kayisari, canke ntivyemerwa?


Kand’ ubu butumwa bgiza bg’ubgami buzovugwa mw isi yose, ngo bube ikimenyetso kibere icabona amahanga yose, maz’ umuhero uzoca uza.


Ndababgire ukuri: Ah’ ubutumwa bgiza buzovugwa hose mw isi yose, n’ico uyu akoze kizovugwa, kibe icibutso ciwe.


Arababarira, ati Mugende muje mu bihugu vyose, mubgire abāremwe bose ubutumwa bgiza.


Bose baja kwiyandikisha, umuntu wese aja mu gisagara cabo.


aja kwiyandikishanya na Mariya uwo yakoye, yar’ akuriwe.


Mu mwaka ugira icumi na gatanu Kayisari Tiberiyo ari ku ngoma, Pontiyo Pilato ar’ icēgēra ciwe i Yudaya, Herode na we ar’ umwami w’i Galilaya, na Filipo mwene se ar’ umwami w’igihugu co muri Ituraya n’i Tirakoniti, na Lusaniya ar’ umwami w’i Abilene,


Hava hasi umwe muri bo yitwa Agabo, abamenyesha avugishijwe na Mpwemu yukw ikigoyi cinshi kizotera mw isi yose. Ico yavuga ni kimwe cātera ku ngoma ya Kilawudiyo.


Nuko namba naragabitanije, canke narakoze ibikwiye kunyicisha, sinanka gupfa: ariko namb’ ivyo aba bandega atari ko biri, nta muntu ashobora kubampa. Nzokwitwara kuri Kayisari.


Ariko Paulo asavye kurindwa kugira ngw az’ acirwe urubanza na Augusito, mvuga kw arindwa gushitsa aho nzomurungikira Kayisari.


Irya mbere, mwese mbashimiye Imana yanje muri Yesu Kristo, kukw inkuru y’ukwizera kwanyu ikwiye mw isi yose.


Abera bose barabatasha, cane‐cane abo mu rugo kwa Kayisari.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ