6 Yururuka vuba, amwākīrana akanyamuneza.
6 Nuko aca arururuka ningoga, amwakira iwe yuzuye umunezero.
Usanganira ūnezererwa gukora ivy’ ukugororoka, n’abagendera mu nzira zawe bakwibuka; ariko wararatse, kuko twakoze ivyaha, mbere tubimazemw’ igihe kirekire; mbega, none twoba tugikizwa?
Yesu ahashitse, ararangamiza, aramubarira, ati Zakayo, ururuka vuba, kuk’ uyu musi nkwiye kurāra i wawe.
Babibonye, bose baridodomba, bati Ko yinjiye kurārira umuntu w’umunyavyaha!
Bagenda banyaruka, babona Mariya na Yosefu n’uruyoya rubīkiriwe mu bgato bg’inka.
Lewi amurondereza izimano ryinshi mu nzu yiwe: kandi hār’ abantu benshi b’abatozakori n’abandi bicaranye na bo basangira.
Amaze kubatizanywa n’abo mu nzu yiwe, aratwinginga, at’ Asangwa mubonye nd’uwizeye Umwami Yesu, ni muze i wanje, musembereho. Aratugōbēra.
Arabadūgana, abajana i we, arabagaburira, anezeranwa cane n’abo mu nzu yiwe bose, kuko yizeye Imana.
Nukw abemeye amajambo yiwe barabatizwa: abongewe kur’ uwo musi ku bāri basanzweho bāri nk’ibihumbi bitatu.