Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 19:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Yesu ahashitse, ararangamiza, aramubarira, ati Zakayo, ururuka vuba, kuk’ uyu musi nkwiye kurāra i wawe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Yesu ahashitse, ararangamiza, amubwira ati: “Zakayo, ururuka ningoga, kuko uwu musi nyene nkwiye kurara iwawe.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 19:5
17 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ikintu cose ukuboko kwawe kwerekeje gukora ugikorane inkomezi zawe; kukw ata gikorwa cank’ inama cank’ ukumenya cank’ ubgenge i kuzimu ah’ urāriye kuja.


Maze nguserutseko, mbona ingen’ ukumbagara mu bisanza vy’amaraso, ndakubarira, nti Nah’ uri mu maraso yawe, ndaguteretse, baho! Mbere narakubariye, nti Nah’ uri mu maraso yawe, ndaguteretse, baho!


Kand’ Umwana w’umuntu yazanywe no kurondera no gukiza icari cazimiye.


Hār’ umuntu yitwa Zakayo, yar’ umutozakori mukuru, kandi yar’ umutunzi.


Arirukanga, aja imbere, yūrira igiti citwa umusukomora ngw amurābe, kuko yagira ace mur’ iyo nzira.


Yururuka vuba, amwākīrana akanyamuneza.


Natanayeli aramubaza, ati Wammenyeye hehe? Yesu aramwishura, ati Filipo ataraguhamagara, aho wari musi y’umusukoni, nakubonye.


Yesu aramwishura, ati Ni hagira ūnkunda, azokwitondera ijambo ryanje, kandi Data azomukunda, maze tuzoza kuri we, tubane na we.


Kandi ko dukorana na yo, turabinginga, ntimuhērwe ubuntu bg’Imana gupfa ubusa:


Kristo abe mu mitima yanyu kubg’ ukwizera; kugira ngo mugize imizi ishinzwe mu rukundo, n’amabuye y’itanguriro arwubatswemwo,


Ntimwibagire kugirira neza abashitsi: kuko bamwe bāgize bartyo bāhaye indāro abamarayika batabizi.


Ehe mpagaze ku rugi, ndaramukije. Umuntu ni yumva ijwi ryanje, akugurura urugi, ndinjira i we, dusangire.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ