Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 19:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Arirukanga, aja imbere, yūrira igiti citwa umusukomora ngw amurābe, kuko yagira ace mur’ iyo nzira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

4 Nuko ariruka yurira igiti c’umusukomora cari i ruhande y’inzira, kuko ari ho Yesu yagira ace.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 19:4
11 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Amafeza umwami yararushe ayahindura nk’amabuye i Yerusalemu, n’ibiti vy’amasederi bihinduka nk’ivy’ imisukomora vyo mu biyaya mu kuba vyinshi.


Bayali‐hanani w’i Gederi ni we yar’ umukuru yajejwe ivy’ imyelayo n’imisukomora yo mu biyaya; Yowasi ni we yar’ umukuru yajejwe ububīko bg’amavuta ya elayo;


Umwami, amafeza n’ amazahabu yararushe abihindura nk’amabuye i Yerusalemu, n’ibiti vy’amasederi bihinduka nk’ivy’ imisukomora vyo mu biyaya mu kuba vyinshi.


Umwami, amafeza yararushe ayahindura nk’ amabuye i Yerusalemu, n’ibiti vy’amasederi bihinduka nk’ivy’ imisukomora vyo mu biyaya mu kuba vyinshi.


Yicisha imizabibu yabo urubura, N’ibiti vyabo vy’imishikima ivyicisha igikonyozi.


bat’ Amatafari yarasenyutse, ariko tuzokwubakisha amabuye abāje; ibiti vy’imisukomora vyaraciwe, ariko tuzosubizah’ ivy’ amasederi.


Maze Amosi yishura Amaziya, ati Sinigeze kuba ūvugishwa n’Imana, canke ngo mbe umwigishwa w’uwo yavugisha, ariko nari nibereye umwungere, nkaba n’umurimyi w’ibiti vy’imisukomora.


Umwami arabishura, ati Namba mufise ukwizera kungana n’akabuto ka sinapi, mwobarira iki giti c’umusukamino, muti Randuka, ubadikwe mu kiyaga, kandi cobumvira.


Ageza kurāba Yesu, ngw amenye ukw asa, bimwankira kubg’ ishengero, kuko yari mugufi.


Yesu ahashitse, ararangamiza, aramubarira, ati Zakayo, ururuka vuba, kuk’ uyu musi nkwiye kurāra i wawe.


Babuze aho bocinjiriza kubg’ ishengero, būrira hejuru ku nzu, bagicisha mu mategura ayisakaye, bacururutsa mu nderuzo hagati y’abantu imbere ya Yesu.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ