34 Barabishura, bati Databuja ni we ayigomba.
34 Baca bishura bati: “Umwami arayikeneye.”
Nezerwa cane, wa mukobga w’i Siyoni we! Sēsereza impundu, wa mukobga w’i Yerusalemu we! Rāba, umwami wawe aje kuri wewe, n’umugororotsi, kand’ ari n’inganji; yicishije bugufi, agendera ku ndogoba, mbere ni ku mukangara, inyana y’indogoba.
Bariko barazitura ya nyana y’indogoba, bene yo barababaza, bati Ko muzitura iyo nyana n’iki?
Bayizanira Yesu, bayishirakw impuzu zabo, bayiterekako Yesu.
None ko yabise imana, bamwe ijambo ry’Imana ryashitseko (kand’ ivyanditswe ntibishobora guhinduka),
Ivyo abigishwa ntibabitahuye ubga mbere, ariko Yesu amaze guhabga ubgiza bgiwe, ni ho bibutse kw ivyo yavyandikiwe, kandi kw ari vyo bāmugiriye.
Kuko muzi ubuntu bg’Umwami wacu Yesu Kristo, yuko naho yar’ umutunzi, yahindutse umworo kubganyu, kugira ng’ubgoro bgiwe bubatungishe.