1 Ashika i Yeriko, arikw arahaca.
1 Nuko Yesu yinjira mu gisagara ca Yeriko, ahaca arengana.
Kandi ku ngoma yiwe ni ho Hiyeli w’i Beteli yubaka i Yeriko. Acubaka itanguriro ryaho abura umwana wiwe w’imfura yitwa Abiramu, maz’ agitera ibikingi vy’amarembo yaho abura umwana wiwe w’umuhererezi yitwa Segubu, nk’ukw ijambo ry’Uhoraho ryavuze, arivugiye mu kanwa ka Yosuwa mwene Nuni.
Nuko bashika i Yeriko: akivana i Yeriko n’abigishwa biwe n’ishengero ryinshi, mwene Timayo yitwa Barutimayo, umusēzi w’impumyi, yari yicaye i ruhande y’inzira.
Ageze hafi y’i Yeriko, hār’ impumyi yicaye i ruhande y’inzira, isēgerereza.
Hār’ umuntu yitwa Zakayo, yar’ umutozakori mukuru, kandi yar’ umutunzi.
Bakir’ i Shitimu, Yosuwa mwene Nuni atuma abantu babiri mu mpisho, ngo baje gutata; arababarira, ati Ni mugende mwitegereze ico gihugu, cane‐cane i Yeriko. Nuko baragenda, bashika mu nzu ya maraya yitwa Rahabu, bahāka indaro.