Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 18:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 None mbeg’ Imana ntizocira abo yatoranije urubanza rubakiza, bayiborogera ku murango no mw ijoro, nah’ ibatevya?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

7 Mbega Imana ntizotunganiriza abo yatoranije, bayitakambira ijoro n’umurango? Mbega mwibaza ko izobatevya?

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 18:7
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Uhoraho, Mana y’agakiza kanje, Ntakambira imbere yawe ku murango no mw ijoro.


Azocira isi imanza zibereye, Azoshikiriza amahanga imanza z’ukuri.


Ni mwagira ico mubacuranguzako na gitoya, bakantakambira, sinzobura kwumviriza ugutakamba kwabo;


N’iki gituma uvuga, yewe Yakobo, ukiganyira, yewe Isirayeli, ut’ Inzira yanje inyegejwe Uhoraho, kand’ ut’ Ivyanje Imana yanje iravyirengagiza?


Kukw ivyerekanywe bifise igihe vyashingiwe, kandi vyihutira kugishikako, ntibizobesha; naho vyotebagana, ubirorēre, kuko bitazobura kuza, ntibizoteba.


Kand’ iyo misi iy’ itagerurwa ntihorokotse umuntu n’umwe; ariko kubg’ abatoranijwe iyo misi izogerurwa.


Kuko hazokwaduka abīgira Kristo n’abīgira abavugishwa n’Imana, bagakora ibimenyetso bihambaye n’ibitangaza, kugira ngo bazimize n’abātoranijwe ni vyashoboka.


None mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha ivyiza abamusavye?


None mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha Mpwemu Yera abamumusavye?


kandi yamaze imyaka mirongumunani n’ine ar’ umupfakazi, ntiyava mu rusengero gusenga, yisonzesha yinginga, ku murango no mw ijoro.


Arikw ivyo ni vyatangura kubaho, muze murangamize, muraramike imitwe yanyu kuko gucungurwa kwanyu kuzoba kugira gushike.


Ni nde azorega abo Imana yatoranije? Mbega n’Imana, kand’ ari yo ibatsindanishiriza?


Nuko rero, nk’uko bibereye abātoranijwe n’Imana bera bakundwa na yo, mwambare umutima w’ikigongwe, n’ineza, n’ukwicisha bugufi, n’ugutekereza, n’ukwihangana,


Dusenga cane ijoro n’umurango kugira ngo twibonanire namwe imbonankubone, tunonosore ivyasigaye ku kwizera kwanyu.


Kukw ar’ ibigororotse ku Mana kwishura amarushwa abayabatera,


Umupfakazi w’inyakamwe asigaye ar’ umwe, yizigira Imana, agashishikara kwinginga no gusenga ku murango no mw ijoro.


Imana, nkorera nkurikiye ba sogokuruza, mfise umutima utanduye, utarimw’ ijwi rinyagiriza ikibi, ndayishimira yuko nkwibuka ubudasība, uko nsenze, ijoro n’umurango.


Ni co gituma nihanganira vyose kubg’ abatoranijwe, kugira ngo na bo baronke agakiza kari muri Kristo Yesu, gafatanije n’ubgiza budashira.


Paulo, umugurano w’Imana, intumwa ya Yesu Kristo, mbihērewe kwizeza abo Imana yatoranije no kwigisha kumenya ivy’ ukuri gufatanije n’ukwubaha Imana;


Petero, intumwa ya Yesu Kristo, ndabandikiye abātoranijwe b’inyambukīra zo mu bāsanzariye i Ponto n’i Galatiya n’i Kapadokiya no muri Asiya n’i Bituniya,


Umwami Imana ntitebeje isezerano ryayo, uko bamwe biyumvira kw iritevya. Ariko yihanganira mwebge, ntigomba ko hagira abahona, arikw igomba ko bose bihana.


Ni biguhimbare, wa juru, namwe abera n’intumwa n’abavugishwa n’Imana, kukw Imana igiciriyekw iteka, igihōra mwebge.


Batakambisha ijwi rirenga, bati Databuja wera w’ukuri, uzogeza ryari kudaca amateka no kudahōra abari mw isi amaraso yacu?


Ni co gituma baba imbere y’intebe y’Imana, bakayikorera mu rusengero rwayo ku murango no mw ijoro: kand’ Īvyagiye kur’ irya ntebe izosanza ihema ryayo hejuru yabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ