Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 18:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Azoshirwa mu maboko y’abanyamahanga, ashinyagurirwe, ateterezwe, avumwe amate;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 Azotangwa ahabwe Abanyamahanga, bamucokore, bamutuke, bamucireko amate,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 18:32
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Abankubita nabategeye ibitugu, n’imisaya ndayitegera abammomora ubganwa; kandi mu maso hanje sinahakinjishije gutēterezwa no gucirwakw amate.


Nk’uko benshi yababereye akumiza — kuko mu maso hiwe hononekaye ntihase n’ah’ umuntu, n’ishusho yiwe yononekaye ntise n’iy’ abana b’abantu —


Yarakēngērwa, agahurwa n’abantu; yar’ umunyamibabaro, yar’ azi intimba ic’ ari co; yakēngērwa nk’umuntu abandi bahisha mu maso habo, natwe nta co twamwibajijeko.


Rinda ushikame, wa boma we! Kuko badutanze irya n’ino: umucamanza w’Abisirayeli bazomukubita inkoni kw itama.


Kuva ubgo Yesu atangura guserurira abigishwa biwe kw akwiye kuzoja i Yerusalemu no kuzobabazwa uburyo bginshi n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, no kuzozurwa ku musi ugira gatatu.


kandi bazomuha abanyamahanga ngw ashinyagurirwe, atonagurwe, abambge, kandi ku musi ugira gatatu azozurwa.


Abasigaye bafata abo bagendanyi biwe, babakorera ibara, barabica.


Buno bamuvuma amate mu maso, bamukubita ibipfunsi, abandi baramubīngūra,


Baramuboha baramujana, bamushikiriza Pilato, icēgēra ca Kayisari.


Bamwe batangura kumuvuma amate, bamupfuka mu maso, bamukubita ibipfunsi, bati N’udupfīndūre. Abagendanyi bamushikizakw inshi.


Umutwenzi utambitse, uwo mwanya abaherezi bakuru n’abashingantahe n’abanyabgenge b’ivyanditswe n’abashingantahe b’amakombe bose baja inama, baboha Yesu, baramujana, bamushikiriza Pilato.


kandi bazomutonagura, bamwice, ku musi ugira gatatu azozuka.


Iryo koraniro ryose riva hasi, bamujana kwa Pilato.


Herode aramutitura, hamwe n’abasoda biwe, aramushinyagurira, maz’ amwambika impuzu y’inyambarabami, amusubiza kwa Pilato.


Abantu bahagarara barāba. Abashingantahe na bo bamutwengera mw ijigo, bati Yakijije abandi, ni yikize, namb’ ari Kristo w’Imana, uwatoranijwe na yo.


Avuze artyo, umwe mu bagendanyi ahagazeho akubita Yesu urushi, at’ Uko ni ko wishura umuherezi mukuru?


Bakūra Yesu kwa Kayafa, bamujana mw iboma: hāri mu mutwenzi. Arik’ ubgabo ntibinjira mw iboma, ngo boye kwihumanya, kugira ngo babone ingene barya Pasika.


Baramwishura, bat’ Ugira ng’ uyu, iyaba atākoze ibibi tuba tumukuzaniye?


Ngw ijambo rya Yesu rishike, iryo yavuze abamenyesha urupfu azopfa urw’ ari rwo.


Pilato ati Mbega nanje nd’ Umuyuda? Ab’ ubgoko bganyu n’abaherezi bakuru ni bo bakunzaniye. Wakoze iki?


uwo muntu amaze gutangwa nk’ukw Imana yabigabiye yikomvomvoye, ibimenye bitaribgabe, mumubambisha amaboko y’abagarariji, muramwica.


Imana ya Aburahamu na Isaka na Yakobo, ari yo Mana ya ba sogokuruza, yashimagije Umushumba wayo Yesu, umwe mwebge mwatanze mukamwihakanira mu maso ya Pilato, amaze kwahukanya urubanza rwo kumurekura.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ