Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 18:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 atazobishumbushwa umurengera mur’ iki gihe, no mu gihe kizoza atazohabga ubugingo budashira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

30 atazovyishurwa incuro nyinshi muri iki gihe, kandi mu gihe kizoza akazoronka ubugingo budashira.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 18:30
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yobu agisengera bagenzi biwe, Uhoraho amukūrak’ uburushwa bgiwe, amushumbusha ibingana n’ivyo yar’ afise ibihetangabo kabiri.


Ewe kuntu amajambo yawe angēngēra mu māgāge! Arusha ubūki gusōsa mu kanwa kanje.


Ivyo wihanikirije navyākiriye ngo bibe umwandu wanje w’ibihe bidashira, Kukw ari vyo kanyamuneza k’umutima wanje.


Ni co gituma nkunda amabgirizwa yawe, Nkayarutisha izahabu, mbere naho yoba izahabu iramuye.


Nnezererwa ijambo ryawe Nk’ūronse inyagano nyinshi.


Ivyagezwe vyo mu kanwa kawe vyambereye Agasumbajana k’amafeza n’ amazahabu.


Ibikeya umugororotsi atunze Biruta ibihinda vy’abanyakibi benshi.


Umuntu wese azodedemba ku Mwana w’umuntu azobiharirwa, arik’ ūdedemba kuri Mpwemu Yera ntazobiharirwa, naho hoba mur’ iki gihe canke mu gihe kizoza.


Inkuru yiwe ikwira i Siriya hose, bamuzanira abarwaye bose bātewe n’indwara zitari zimwe n’ibibasheshereje, n’abinjiwemwo n’abadayimoni, n’abarwaye intandara, n’ibimuga; arabakiza.


kuko kwimenyereza kw’umubiri kugira ikimazi kuri bike, ariko kwubaha Imana kugira ikimazi kuri vyose, kuko kuzana isezerano ry’ubugingo bga none n’ubuzoza.


Ariko kwubaha Imana gufatanije no kubūmbga n’ivy’ ufise kuvamw’ inyungu nyinshi koko:


Ntutinye ivy’ ugira ubabazwe. Eh’ uwo Murwanizi agira ashire bamwe muri mwebge mw ibohero kugira ngo mugeragezwe, kandi muzogira amarushwa imisi cumi. Wame uyoboka gushitsa ku gupfa, nanje nzoguha igitsibo c’ubugingo.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nzomuha kuri manu yanyegejwe, kandi nzomuha ibuye ryera, kur’ iryo buye handitswekw izina risha, nta muntu arizi, atar’ ūzorihabga.


Ūnesha, nzomuha kwicarana nanje ku ntebe yanje y’ubgami, nk’uko nanje nanesheje nkicarana na Data ku ntebe yiwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ