Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 18:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Yesu avyumvise aramubgira, ati Na non’ uhajije kimwe; shōra ivy’ ufise vyose, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’ uze, unkurikire.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Yesu yumvise iyo nyishu aca amubwira ati: “Hari ikintu kimwe ugihajije. Genda ugurishe ivyo utunze vyose, maze amahera ukuyemwo uyahe aboro; ni ho uzoronka ubutunzi mw’ijuru. Hanyuma uce uza unkurikire.”

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 18:22
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ico nsaba Uhoraho ni kimwe, ni co nzohora nitwaririka: N’ukuba mu ngoro y’Uhoraho imisi yose y’ubugingo bganje, Nkarāba ubgiza bg’Uhoraho, nkihweza urusengero rwiwe.


Yesu aramubgira, at’ Asangw’ ugomba kuba agahore, genda ushōre ivyo utunze, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’ uze, unkurikire.


arikw ibikwiye rwose ni kimwe: kuko Mariya ahisemw’ umugabane mwiza, atazokwakwa.


Mugure ivyo mufise, mutange ibiguzi vyavyo kubg’ ubuntu; mwibarīrire imipfuko idashira, ubutunzi budashira buri mw ijuru, ahatēgērwa n’igisuma, ata n’inyenzi zōnōna:


Nanje ndababgire, Itunga ribi muryironkeshereze incuti, ngo ni ryabura baze babatunge mube muri za ngo zitazoshira.


Aramubgira, at’ Ivyo vyose naravyitondeye, mpereye mu buto bganje.


Maze yumvise ivyo, arababara cane, kuko yar’ umutunzi cane.


Abgira bose, at’ Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe uko bukeye, ankurikire.


Bene Data, jeho kubganje sinibgira yuko mmaze kugifata, arikw ico nkora n’iki kimwe gusa, nibagira ibir’ inyuma, kandi nshingīra ibir’ imbere,


Arikw abo nkunda, iri rimwe mweho ntimuryiyobagize, yuko ku Mwami Imana umusi umwe umeze nk’imyaka igihumbi, n’imyaka igihumbi imeze nk’umusi umwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ