Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 18:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Yesu aramubaza, at’ Unyitira iki mwiza? Nta mwiza atar’ umwe, ni we Mana.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Yesu aramwishura ati: “Unyitira iki mwiza? Nta mwiza ahari, kiretse Imana yonyene.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 18:19
10 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni nde yoshobora gukūra ikintu gitunganye mu canduye? Erega nta wuriho n’umwe.


None rer’ umuntu yoshobora ate kuba umugororotsi imbere y’Imana? Cank’ uwavyawe n’umugore yoshobora ate kuba ūtunganye?


Umumarayika aramwishura, ati Mpwemu Yera azokuzako, ubushobozi bg’Īsumba vyose buzogutera igitūtu: ni co gituma uwera azovuka azokwitwa Umwana w’Imana.


None mwebge, ko muzi guha abana banyu ingabire nziza muri babi, mbega So wo mw ijuru ntazorushiriza rwose guha Mpwemu Yera abamumusavye?


Umukuru w’isinagogi aramubaza, ati Mwigisha mwiza, nkore iki, ngo nze ndagwe ubugingo budashira?


K’uzi ivyagezwe, ngo Ntugasambane, ntukice, ntukibe, ntukāgirize abandi ibinyoma, wubahe so na nyoko.


Nta wuhakana yukw ibanga ryo kwubaha Imana ridahambaye cane, n’iri: umwe yerekanywe afise umubiri, akaboneka kw ar’ umugororotsi mu mpwemu, akabonwa n’abamarayika, akamenyekanishwa mu banyamahanga, akizererwa mw isi, akadūzwa agahabga ubgiza.


Vyari bitubereye kugira umuherezi mukuru ameze artyo, yera, atagira ubugunge, atanduye, yatandukanijwe n’abanyavyaha, yashizwe hejuru y’amajuru,


Gutanga kwose kwiza, n’ingabire yose itunganye rwose biva mw ijuru, vyururuka biva kuri Se w’imico, adashobora guhinduka canke kugira igitūtu gitewe n’uguhindagurika.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ