Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 18:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Maze Yesu arabahamagara, ati Ni mureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze: kuk’ ubgami bg’Imana ar’ubg’ abameze bartyo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Ariko Yesu asaba ko babamuzanira, abwira abigishwa biwe ati: “Nimureke abana baze aho ndi, ntimubabuze, kuko Ubwami bw’Imana ari ubw’abameze nka bo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 18:16
14 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aburahamu akeba Isaka umwana wiwe amaze imisi munani avutse, nk’ ukw Imana yamubariye.


Nukw Abayuda bose bahagarara ngaho imbere y’Uhoraho, bari kumwe n’utwana twabo duto‐duto, n’abagore babo, n’abana babo bakuze.


Nzobaha umutima umwe no kujana inzira imwe, kugira ngo bahore banyubaha gushitsa ibihe vyose; ngo bahave baroranirwe, bo n’ abana babo bazoba babasubiriye mu gishingo.


Yesu arababgira, ati Ni mureke abana bato, ntimubabuze kuza aho ndi, kuk’ ubgami bgo mw ijuru ar’ ubg’ abameze bartyo.


Maze bamuzanira abana babo b’inzoya ngw abakoreko: abigishwa babibonye barabakankamira.


Ndababgire ukuri: Ūtazokwākīra ubgami bg’Imana nk’umwana muto ntazobginjiramwo na gatoya.


Kukw isezerano ar’ iryanyu kand’ ar’ iry’ abana banyu, n’abari kure bose, abazohamagarwa bose n’Umwami Imana yacu.


Bene Data, ntimube abana mu bgenge, ariko mube ibitazi mu bibi; ariko mu bgenge mube abagabo.


Kuk’ umugabo atizera yezwa kubg’ umugore wiwe, kand’ umugore atizera yezwa kubga mwene Data uyo. Iyo bitamera birtyo, abana banyu baba ar’ ibihumane, ariko noneho n’abera.


n’abana banyu, n’abagore banyu, n’abanyamahanga baba mu nsago zanyu, uhereye ku mushenyi wanyu ukageza ku muvomyi;


Muze mukoranye abantu, abagabo n’abagore n’abana, n’abanyamahanga baba muri mwebge, kugira ngo bavyumve, bavyige, bubahe Uhoraho Imana yanyu, bitondere amajambo yose y’ibi vyagezwe, babishitse;


mumere nk’inzoya zivutse vuba, mwifuze amata y’umutima adafunguye, kugira ngw abakuze abashitse ku gakiza;


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ