Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 18:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Ariko wa mutozakori, ahagaze kure, ntiyagomba no kurangamiza ngw arābe mw ijuru, arikw arishishitira, ati Mana, ngirira ikigongwe, nd’ umunyavyaha.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Ariko wa mutozakori ahagarara kure, ntiyubahuka no kurangamiza mw’ijuru, yamara yikubita ku gikiriza, avuga ati: ‘Mana, ngirira imbabazi, jewe umunyavyaha.’

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 18:13
45 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maze Dawidi yishura Natani, ati Nacumuye k’Uhoraho. Natani aramwishura, ati Noneho Uhoraho yagukūyekw icaha cawe, ntugipfuye.


Kandi n’ivy’ isengesho ryiwe, n’ ingene yemerewe, n’ivy’ ivyaha vyiwe vyose n’ugucumura kwiwe, n’ivy’ ahantu hose yatavye ibitabo, akahashinga inkingi za Ashera n’ibishushanyo bibājwe, ataricisha bugufi, ivyo vyanditswe mu majambo ya Hozayi.


Ntiyicisha bugufi imbere y’ Uhoraho, nk’uko se Manase yicishije bugufi, ariko Amoni uwo agenda arushiriza gucumura.


ndavuga, nt’ Ewe Mana yanje, isoni ziriko zirammwa, mu maso hanje hāhīndānye, bimbuza kukwunamurirakw amaso, Mana yanje, kukw ibigabitanyo vyacu bigwiriye, bikaba umurengera, ivyo twakoze biradutsinze, vyarundanye bigera mw ijuru.


Ni co kinteye kwizinukwa, nkihana Nigaragura mu mukungugu no mu munyota.


Twaracumuye, nka ba sogokuruza, Twaragabitanije, twakoze ivyaha.


Imbabazi zawe ni zinshikeko, Uhoraho we, Ni zo gakiza kawe, nk’ukw ijambo ryawe rivuga.


Yemwe Bisirayeli, ni mwizigire Uhoraho, Kukw imbabazi zibonerwa k’Uhoraho, Kandi kuri we ni ho habonerwa gucungurwa kwinshi.


Uhoraho we, kubg’ izina ryawe Umparire ukugabitanya kwanje, kuko gukomeye.


Ntiwibuke ivyaha vyo mu busore bganje, cank’ ibicumuro vyanje, Nk’ukw imbabazi zawe ziri, abe ari k’unyibuka, Kubgo kugira neza kwawe, Uhoraho.


Kukw ivyago vy’isinzi binkikije irya n’ino, Ivyo nagabitanije bimpambije, nkaba ntabasha kubona. Birengeye umushatsi wo ku mutwe wanje; umutima wanje wamvuyemwo.


Naravuze, nt’ Uhoraho, ungirire ikigongwe: Ukize ubugingo bganje, kuko nagucumuyeko.


Abantu bose bakabona iyo nkingi y’igicu ihagaze ku muryango w’iryo hema, bakava hasi, umuntu wese agasenga ari ku muryango w’ihema ryiwe.


Enda ni muze, twītātūre, ni k’Uhoraho agize; nah’ ivyaha vyanyu vyotukura tukutuku, bizokwera derere nka shelegi; naho vyotukura nk’agahama, bizohinduka nk’ubgoya bg’intama y’umwero.


Maze ndavuga, nti Mbonye ibara, ndapfuye; kuko nd’ umunyaminwa yanduye, kandi mba hagati y’ubgoko bufise iminwa yanduye; kukw amaso yanje abonye Umwami, Uhoraho Nyen’ ingabo.


Kukw ivyo vyose intoke zanje ari zo zabiremye, bikabaho vyose, ni k’ Uhoraho agize; arik’ umuntu w’impahazwa afise umutima umenetse, agahindishwa agashitsi n’ ijambo ryanje, uwo ni we nzohozakw ijisho.


kugira ng’ ubone kwibuka, utētērwe, ntukūreko n’umunwa, kubg’ isoni uzoba ufise, ni naheza kuguharira ivyo wakoze vyose, ni k’Umwami Uhoraho agize.


twaracumuye, twaragabitanije, twakoze nabi, twaragararije, twaratambamye tuva ku mateka washinze no ku vyo wageze.


na Filipo na Barutolomayo na Toma na Matayo umutozakori, na Yakobo mwene Alufayo, na Tadayo,


Iyo musenga ntimukabe nka za ndyarya, kuko bakunda gusenga bahagaze mu masinagogi no mu mayirabiri, ngo biyerekane imbere y’abantu; ndababgire ukuri: Baramaze guhabga impēra zabo.


Mugende mwige iri jambo, muritahure, ngw Imbabazi ni zo ngomba, s’ibimazi: kuko ntaje guhamagara abagororotsi, atar’ abanyavyaha.


Kandi ni mwahagarara musenga, ni haba har’ ico mupfa n’uwundi, mukimuharire, ngo So wo mw ijuru na we abaharire ivyaha vyanyu: [


Ashitse mu mihana, asanganirwa n’abanyamibembe cumi, bahagarara kure,


Atandukana na bo, ashika nk’ahoterwa ibuye, arapfukama, arasenga,


Ishengero ryose ryari ribikungereye, babonye ibibaye basubira inyuma bishishitira.


Ariko Simoni Petero abibonye yikubita imbere y’amavi ya Yesu, ati Va aho ndi, Mugenzi, kuko nd’ umunyavyaha.


Bumvise ivyo, bibacumita mu mitima, babaza Petero n’izindi ntumwa, bati Bagabo bene Data, mbega tugire dute?


arikw Imana yatweretse urukundo rwayo idukunda, kuko Kristo yadupfiriye tukir’ abanyavyaha.


Ntimubona uwo mubabaro wo mu buryo bg’Imana, ukuntu wabateye umwete mwinshi urtyo? Kandi ko wabateye no kwiregura, no guhigimanga, no gutinya, n’inkumbu, n’ishaka, no guhana? Muri vyose mwiyerekanye ko mwejejwe mur’ ivyo.


Iri jambo n’iryo kwizerwa, rikwiye kwemerwa rwose, yuko Kristo Yesu yazanywe mw isi no gukiza abanyavyaha: muri bo jewe nd’agahebuza.


Nuko ni twēgēre intebe y’ubuntu dushize ubgoba, kugira ngo turonke ikigongwe, tubone ubuntu bgo kudutabara mu gihe gikwiye.


Kuko nzobagirira ikigongwe ku kugabitanya kwabo, Kand’ ivyaha vyabo sinzovyibuka ukundi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ