Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 17:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 Umwami arabishura, ati Namba mufise ukwizera kungana n’akabuto ka sinapi, mwobarira iki giti c’umusukamino, muti Randuka, ubadikwe mu kiyaga, kandi cobumvira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Arabishura ati: “Iyo muba mwari mufise ukwizera kungana n’akabuto k’igiterwa citwa mutaride, mwobwiye iki giti muti ‘Randuka, ushingwe mu kiyaga,’ kandi cobumviye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 17:6
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Na we ati Ngo. Petero yururuka mu bgato, agendesha amaguru ku mazi, ngw aje aho Yesu ari.


Arabishura, ati N’ukwizera kwanyu guke. Ndababgire ukuri: Namba mufise ukwizera kungana n’akabuto ka sinapi, mwobgira kino gisozi, mut’ Imuka aha, uje harya, kandi cokwimuka. Kandi nta kitazobashobokera. [


Yesu arabishura, ati Ndababgire ukuri: Iyo muba muri n’ukwizera, mudakekeranya, ntimwokora ic’ uyu musukoni gusa, ariko mwobgira n’uyu musozi, muti Shingūka, utabge mu kiyaga; vyoba ko.


Busa n’akabuto ka sinapi, iyo gatewe mw ivu, nah’ ari kanzinya hanyuma y’imbuto zose ziri mw isi;


Yesu aramwishura, at’ Uvuze uti Namba wobishobora? Erega vyose bishobokera uwizeye.


Busa n’akabuto ka sinapi, umuntu yābiriye, akagatera mu ntabire yiwe, kagakura, kakaba igiti, inyoni zo mu kirēre zikārika mu mashami yaco.


Ariko ni nde muri mwebge afise umugurano amurimira cank’ amuragirira intama, iyo yinjiye avuye ku kivi canke kuragira, mbega yomubarira, ati Ngwino n’ingoga wicare urye?


Arirukanga, aja imbere, yūrira igiti citwa umusukomora ngw amurābe, kuko yagira ace mur’ iyo nzira.


Umwami Yesu amubonye amutera akagongwe, aramubarira, ati Nta co urira.


Yohana ahamagara babiri mu bigishwa biwe, abatuma ku Mwami Yesu, ati Muti Mbeg’ uri wa wundi akwiye kuza, canke twitege uwundi?


Kandi naho nogira ingabire yo kuvugishwa n’Imana, nkamenya amabanga yose, n’ubgenge bgose, kandi naho nogira ukwizera kwose, ngashobora gukūrah’ imisozi, ariko ntagira urukundo, noba nd’ ubusa.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ