5 Kandi za ntumwa zibgira Umwami Yesu, ziti N’utwongere ukwizera.
5 Intumwa zibwira Umwami Yesu ziti: “Mwigisha, twongerereze ukwizera.”
Nuko za ntumwa zikoranira aho Yesu ari, zimudondera ivyo zakoze vyose n’ivyo zigishije.
Se w’uwo mwana aca aturika cane, ati Ndizeye, fasha ukutizera kwanje.
Umwami Yesu amubonye amutera akagongwe, aramubarira, ati Nta co urira.
Yohana ahamagara babiri mu bigishwa biwe, abatuma ku Mwami Yesu, ati Muti Mbeg’ uri wa wundi akwiye kuza, canke twitege uwundi?
Nshobozwa vyose n’ūmpa inkomezi.
Biradukwiye kwama tubashimira Imana, bene Data, nk’uko bikwiye, kuk’ ukwizera kwanyu gukura cane, n’urukundo rw’ umuntu wese muri mwebge mukundana rugwira.
dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg’ umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.