Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 17:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Mwirinde; mugenzawe ni yakora icaha, umuhanūre; ni yihana, umuharire.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Nuko rero mwiyubare mu vyo mukora. Umuvukanyi wawe niyacumura, umwihanize. Niyihana, umuharire.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 17:3
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umugororotsi ankubise, bizoba ar’ ukungirira neza; Ampannye, bizoba ari nko kunsīga amavuta ya elayo mu mutwe: Umutwe wanje woye kuvyanka. Ariko gusenga kwanje gukomeza kurwanya ivyaha vya ba bandi.


Muze mwirinde, ntimuze musezerane isezerano n’ abari mur’ ico gihugu mugiyemwo, ntibize bihave bibabera umutego hagati muri mwebge;


Umuntu afise ubgenge iy’ ahambariwe bimushika kure Kurusha ukw inkoni ijana zishika ku gipfu.


Guhanira ahibonekeza Kuruta urukundo rudaseruka.


Ntiwihanize umucokoranyi, yohava akwanka: Wihanize umunyabgenge, azogukunda.


Ntihaze hagire uwamanira akazīka uw’i wabo mu mutima wiwe; ariko ntaz’ abure kumuhanūra, kugira ngo ntibimukwegere icaha kubg’ uwo.


Maze Petero aza kuri we, aramubgira, ati Mushingantahe, incuti yanje ni yangirira nabi, nzomuharira ngeze kangahe? Ngeze indwi?


Ariko mwirinde, kugira ngw imitima yanyu ntīremērwe no kudandahirwa no kuborerwa n’umwitwaririko w’ivy’ ubu bugingo, ng’uwo musi ntubazeko giturumbuka, nk’umutego:


Nuko mwirinde cane uburyo mugenda, mwoye kugenda nk’imburabgenge, ariko mugende nk’abanyabgenge,


Nuko mwiyubare cane, kuko mutāgize ishusho mubona na mba, kuri wa musi Uhoraho yababarira ar’ i Horebu, ari hagati mu muriro,


Nuko mwiyubare, mwoye kwibagira isezerano ry’Uhoraho Imana yanyu yasezeranye namwe, mukībāzira igishushanyo, mugishushanije n’ ishusho y’ikintu ic’ ari co cose, Uhoraho Imana yanyu yababujije.


Ariko kimwe gusa, mwiyubare, mugire umwete wo kwirinda mu mitima, mwoye kwibagira ivyo amaso yanyu yiboneye, vyoye kuva mu mitima yanyu imisi yose muzoba mukiriho; ariko muze mubimenyeshe abana banyu n’abuzukuru banyu.


mwizigame, ntihagire umuntu adashikīra ubuntu bg’Imana, kandi ntihagire umuzi wo kurura umera, ukabahagarika imitima, abenshi bakāndura,


Bene Data, ni hagira umuntu muri mwebge azimira, akava ku vy’ ukuri, uwundi akamuzimurura,


Mwiyubare, ntimuhombe ivy’ ibikorwa mwakoze, ariko ngo muhabge ingero itagabanije.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ