Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 17:29 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 maz’ umusi Loti yaviriye i Sodomu, umuriro n’amazuku biratibuka bivuye mw ijuru, birabahonnya bose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

29 gushika umusi Loti yaviriye i Sodomu, maze umuriro n’ibizuku bikoroka bivuye mw’ijuru, birabarigita bose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 17:29
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Iyaba Uhoraho Nyen’ ingabo atadushigarije amasigarira na makeya, tuba twarabaye nk’i Sodomu, tukamera nk’i Gomora.


Kandi Babuloni, icubahiro c’amahanga y’abami, ubgiza bg’ubgibone bg’Abakaludaya, hazomera nk’uko vyabaye hamwe Imana yakomvomvora i Sodomu n’i Gomora.


Nk’uko vyabaye hamwe Imana yakomvomvora i Sodomu n’i Gomora, bo n’ibisagara bihereranye na ho, ni kw ata muntu azobayo, canke ngo hagire umwana w’umuntu azoba akihaba, ni k’Uhoraho agize.


Noshobora nte kuguheba ga Efurayimu? Noshobora nte kugutanga ga Isirayeli? Noshobora nte kukugirira nk’i Adima? Noshobora nte kuguhindura nk’i Seboyimu? Umutima wanje ubuze uburagamo muri jewe, n’imbabazi zanje zose zirakongerejwe.


Nasanganguye ibisagara bimwe vyanyu nko mu gihe jewe Imana nahenebereza Sodomu na Gomora, muba nk’ igishirīra cokowe mu muriro: na ho nyene ntimwangarukako, ni k’Uhoraho agize.


Nuko rero, ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, Imana y’Abisirayeli, n’ukuri Mowabu hazoba nk’i Sodomu, n’Abamoni nk’i Gomora, ah’ igisuru ciganziye, habe iyengo ry’imyunyu, hahinduke amatongo ibihe bidashira: amasigarira y’abantu banje azobatera abasahure, mber’ abarokotse bo mw ihanga ryanje bazobatwara.


No mu misi ya Loti vyabaye birtyo: bārarya, bāranywa, bāradandaza, bāragura, bāratera, bārubaka;


Ni ko bizoba, umusi Umwana w’umuntu azoserukirako.


kand’ ibisagara vy’i Sodomu n’i Gomora, ko yabiciriyekw iteka ryo gukomvomvorwa ikabigira umunyota, ikabishiraho kuba akabarore k’abazogenda batubaha Imana,


Kandi n’abantu b’i Sodomu n’i Gomora bo n’ibisagara vyari bihereranye na ho, kuko bitanze bakīha ubusambanyi nka ba bandi, n’ukwendana, ukw imibiri itaremewe, ivyo bisagara vyashiriweho kuba akabarore, bibabazwa n’igihano c’umuriro utazima.


Imivyimba yabo izogangarara mw ibarabara ryo mu gisagara kinini, ni co mu buryo bg’impwemu citwa Sodomu na Egiputa, kandi ni ho Umwami wabo yabambge.


uwo na we azonywa kuri vino, ni yo burake bg’Imana, yiteguwe idafunguye mu gakarabo k’uburake bgayo. Kand’ azobabarizwa n’umuriro n’amazuku imbere y’abamarayika bera n’imbere ya wa Mwagazi.


Ico gikōko gifatwa mpiri, bo na wa muvugishwa w’ibinyoma, yakorera vya bimenyetso mu maso yaco, akabizimirisha abemeye gushirwakw ikimenyetso ca ca gikōko n’abasenga igishushanyo caco. Vyompi bitererwa bibona mu kiyaga caka umuriro n’amazuku.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ