Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 17:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Kand’ uko vyari biri mu misi ya Nowa, ni ko bizoba mu misi y’Umwana w’umuntu:

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Nk’uko vyari bimeze mu gihe ca Nowa, ni ko bizomera no mu gihe c’Umwana w’Umuntu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 17:26
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuk’ Uhoraho abona ibibi vy’abantu ingen’ ari vyinshi mw isi, kandi kw ivyiyumviro vy’imitima yabo vyamogoreye gukora ibibi gusa na ntaryo.


Uhoraho aravuga, at’ Abantu naremye nzobamara mw isi, uhereye ku muntu n’igikōko n’ icikwega n’ikiguruka mu kirere: kuko nicujije ico nabiremeye.


yamara bashiraho kwinezereza no guhimbarwa, kubāga inka no kubāga intama, kurya inyama no kunywa vino: bati Ngo twīrīre, twinywere, kukw ejo tuzopfa.


Abgira abigishwa biwe, ati Hazoza imisi muzokwifurizamwo kubona umusi umwe musa w’Umwana w’umuntu, ntimuzowubona.


Kuko nk’uk’ umuravyo urabiriza mu ruhande rumwe rw’ijuru, ukarabagiranira mu rundi, uko ni k’Umwana w’umuntu azoba ku musi wiwe.


bārarya, bāranywa, bārarongora, bārashingira, bageza kuri wa musi Nowa yinjiye muri bga bgato, umwuzure ukaza ukabahonnya bose.


Ariko ni nde muri mwebge afise umugurano amurimira cank’ amuragirira intama, iyo yinjiye avuye ku kivi canke kuragira, mbega yomubarira, ati Ngwino n’ingoga wicare urye?


Ndababgira yukw izorubacira vuba. Arik’ Umwana w’umuntu ni yaza, mbeg’ azosanga ukwizera mw isi?


Ukwizera ni kwo kwatumye Nowa yubaha, amaze kubūrirwa n’Imana ibitaribgaboneke, akabāza ubgato bgo kurokora abo mu nzu yiwe, kandi ni kwo kwamuhaye gutsindisha abari mw isi, no kuragwa ukugororoka kuzanwa n’ukwizera.


kandi kw itāgiriye ikigongwe isi ya kera, arikw igakiza Nowa, umwigisha w’ivyo kugororoka, hamwe n’abandi ndwi, aho yazana umwuzure kw isi y’abatayubaha;


Ivyo vyatumye isi ya kera amazi ayirengera, iratikira:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ