Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 17:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Arikw akwiye kuzobanza kubabazwa uburyo bginshi no kwankwa n’ab’ iki gihe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

25 Ariko azobanza kubabazwa cane no kwankwa n’abantu b’iki gihe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 17:25
18 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Yarakēngērwa, agahurwa n’abantu; yar’ umunyamibabaro, yar’ azi intimba ic’ ari co; yakēngērwa nk’umuntu abandi bahisha mu maso habo, natwe nta co twamwibajijeko.


Kuva ubgo Yesu atangura guserurira abigishwa biwe kw akwiye kuzoja i Yerusalemu no kuzobabazwa uburyo bginshi n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, no kuzozurwa ku musi ugira gatatu.


Yesu arababaza, ati Nta ho murasoma mu vyanditswe, ngw Ibuye abubatsi bāgaye Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka: Ivyo vyavuye k’Uhoraho, Kandi n’igitangaza mu maso yacu?


at’ Ehe, turadūze i Yerusalemu, kand’ Umwana w’umuntu azoshirwa mu maboko y’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, bazomucira urubanza rwo gupfa, bamuhe abanyamahanga,


Mbega nta ho murasoma iki canditswe, ngw Ibuye abubatsi bāgaye Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka;


Atangura kubigisha, at’ Umwana w’umuntu akwiye kuzobabazwa uburyo bginshi, no kuzokwankwa n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, maze hashize imisi itatu akazuka.


Kuko yigisha abigishwa biwe, at’ Umwana w’umuntu azoshirwa mu maboko y’abantu, bazomwica, hashize imisi itatu bamwishe, azozuka.


Yihererana bamwe cumi na babiri, arababgira, at’ Ehe turadūze i Yerusalemu, kand’ ivyanditswe n’abāvugishwa n’Imana vyose bizoshika ku Mwana w’umuntu.


kandi bazomutonagura, bamwice, ku musi ugira gatatu azozuka.


Arababgira, ati Ni ko vyanditswe yuko Kristo akwiye kubabazwa no kuzuka mu bāpfuye ku musi ugira gatatu,


at’ Umwana w’umuntu akwiye kuzobabazwa uburyo bginshi, no kuzokwankwa n’abashingantahe n’abaherezi bakuru n’abanyabgenge b’ivyanditswe, no kuzokwicwa, no kuzozurwa ku musi ugira gatatu.


yaje mu vyiwe, arikw abiwe ntibāmwākiriye.


ngw ijambo ry’uwavugishwa n’Imana Yesaya rishike, ngo, Mwami, ni nde yizeye ico twumvise? Kand’ ukuboko kw’Uhoraho kwahishuriwe nde?


arik’ uyu musi muranse Imana yanyu, kand’ ari yo nyene ubgayo ihora ibakiza mu vyago vyanyu vyose no mu magorwa; mwarayibgiye ngo n’ibahe umwami. Nuko rero, ni muze muhagarare imbere y’Uhoraho, umuryango wose uk’ uri, n’ inzu yose ukw iri.


Uhoraho abarira Samweli, ati Ni wemerere abo bantu ico bakwātse cose, kukw atari wewe banse, ariko ni jewe banse ngo simbe Umwami wabo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ