Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 17:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 Kuko nk’uk’ umuravyo urabiriza mu ruhande rumwe rw’ijuru, ukarabagiranira mu rundi, uko ni k’Umwana w’umuntu azoba ku musi wiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 Kuko nk’uko umuravyo uravya ukaboneshereza ijuru ryose, ni ko bizomera Umwana w’Umuntu niyaza ku musi wiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 17:24
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ivyo binyabugingo vyariruka bigakimirana, bisa n’imiravyo irabagiza.


Kand’ Uhoraho azoserukira hejuru yabo, umwampi wiwe wirase nk’umuravyo, kand’ Umwami Uhoraho azovuza inzamba, aje mu gihuhuta c’i bumanuko.


Nk’uk’ umuravyo urabiriza i burasirazuba ukabonekera iyo rirengera, ni k’ukuza kw’Umwana w’umuntu kuzomera.


Bun’ ikimenyetso c’Umwana w’umuntu kizobonekera kw ijuru, ni ho amoko yose yo mw isi azoboroga, bazobona Umwana w’umuntu aje mu bicu vyo kw ijuru ari n’ububasha n’ubgiza bginshi.


Arik’ Umwana w’umuntu ah’ azozira afise ubgiza bgiwe ari kumwe n’abamarayika biwe bose, ni ho azovyagira ku ntebe yiwe y’ubgiza:


Yesu aramwishura, at’ Urarivuze; yamara ndababgira yuk’ uhereye ubu muzobona Umwana w’umuntu yicaye i buryo bg’Ububasha, aje mu bicu vyo kw ijuru.


Nta bodomeka itara ngo baryubikekw igisimbo, ariko barishira ku gitereko caryo, ngo riboneshereze abari mu nzu bose.


Ni we azobakomeza gushitsa kw iherezo, kugira ngo ntimuze mugawe kuri wa musi w’Umwami wacu Yesu Kristo.


Kuk’ ubganyu muzi neza yuk’ umusi w’Umwami wacu uzoza nk’ukw igisuma kiza mw ijoro.


ntimushōke munyiganyiga ngo mugwe igihūmura, canke ngo muhagarike imitima, naho mwoba mubitewe n’impwemu canke n’ijambo canke n’icete kimeze nk’ikivuye kuri twebge, kivuga yuk’ umusi w’Umwami wacu uhejeje gushika.


Ni ho wa mugarariji azohishurirwa, umwe Umwami Yesu azokwicisha impwemu ziva mu kanwa kiwe, azomutītūza uguseruka kw’ukuza kwiwe.


Nuko namwe mwihangane, mureme mu mitima, kuk’ ukuza kw’Umwami kuri hafi.


Arik’ umusi w’Umwami wacu uzoza nk’igisuma, ah’ amajuru azovaho, hakaba n’ukwasana guhambaye, ivy’ itanguriro vyose bigashongeshwa n’ikibengebenge gikaze, isi n’ibikorwa biri muri yo bigatongoka.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ