Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 17:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, aramushima: kand’ uwo yar’ Umusamariya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

16 Amushikiriye, yikubita imbere y’ibirenge vyiwe, aramushimira. Kandi yari Umusamariya.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 17:16
21 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Aburamu arapfukama, arūnama, Imana iramubgira,


Abo cumi na babiri Yesu arabatuma ababarira, ati Ntimuze mujane inzira ija mu banyamahanga, canke mu bisagara vy’Abasamariya.


Bashitse mu nzu babona uwo mwana na Mariya nyina wiwe; bikubita hasi, baramupfukamira, barumūra ibisimbo vyabo, bamushikanira amashikanwa, izahabu n’imibavu n’isenga.


Uwo mugore aratinya, ahinda agashitsi, kukw azi ikimubayeko, araza amwikubita imbere, amubarira ivy’ ukuri vyose.


Yesu arabaza, ati Ntibahumanutse bose ukw ar’ icumi? Abandi cenda bari hehe?


Ariko Simoni Petero abibonye yikubita imbere y’amavi ya Yesu, ati Va aho ndi, Mugenzi, kuko nd’ umunyavyaha.


Uno Musamariyakazi aramubaza, ati Wewe ur’ Umuyuda, non’ unsaba amazi ute, jewe nd’ Umusamariyakazi? (Ni kukw Abayuda n’Abasamariya bānēnana.)


ngo bose bubahe Umwana nk’uko bubaha Se; ūtubaha Umwana ntaba yubaha Se yamutumye.


Abayuda baramwishura, bati None se ntitwavuze ukuri k’ur’ Umusamariya, kandi k’urimwo dayimoni?


ariko muzohabga ubushobozi, Mpwemu Yera ni yabazako, muzoba ivyabona vyo kunshingira intahe i Yerusalemu, n’i Yudaya hose, n’i Samariya, no gushitsa ku mpera y’isi.


ibihishijwe mu mutima wiwe bigaseruka; nukw akubika inda, agasenga Imana, akātura yukw Imana iri muri mwebge vy’ukuri.


Nikubitishwa hasi imbere y’ibirenge vyiwe no kumusenga. Arambarira, at’ Oya sigaho; nd’umugurano mugenzawe, kandi ndi mugenzi wa bene So bafise ivyo gushingira intahe Yesu: Imana ba ari yo usenga. Kukw abashingira intahe Yesu baba bavugishwa na Mpwemu.


ba bakuru mirongwibiri na bane baca bikubita imbere y’Īvyagiye kur’ iyo ntebe, bagasenga Ībaho ibihe bitazoshira, bagaterera ibitsibo vyabo imbere y’iyo ntebe, bavuga,


Kandi vya binyabugingo bine biravuga, biti Amen. Bano bakuru bikubita hasi, barasenga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ