13 baratabaza cane, bati Yesu, Mwigisha, tugirire imbabazi.
13 Barasemerera bati: “Yesu, Mwigisha, tugirire impuhwe!”
Umunyakananikazi ava mu ntāra yaho aratakamba, ati Ngirira imbabazi se Mugenzi, Mwana wa Dawidi: umukobga wanje afashwe nabi na dayimoni.
Yesu avayo, akirikw aragenda impumyi zibiri ziramukurikira zisemerera, ziti Tugirire imbabazi, mwana wa Dawidi.
Kenshi cane imuta mu muriro no mu mazi ngw imwice. Ariko namba har’ ico woshobora, tugirire akagongwe udutabare.
Ababonye arababgira, ati Ni mugende, mwiyereke abaherezi. Bariko baragenda barakira, barahumanuka.
Simoni aramwishura, at’ Erega Mwigisha, twakesheje ijoro ryose twātamye, nta co twafashe: ariko kubg’ ijambo ryawe ndaterera insenga.