Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 17:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ashitse mu mihana, asanganirwa n’abanyamibembe cumi, bahagarara kure,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Agira ashikire imihana, haza abanyamibembe cumi baza guhura na we, ariko bahagarara kure yiwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 17:12
9 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

None rer’ imibembe ya Namani izokwōmako no ku ruvyaro rwawe kugeza ibihe vyose. Maze Gehazi ava imbere yiwe ajejeta imibembe, yera nka shelegi.


Kandi hār’ abantu bane b’abanyamibembe kw irembo ry’igisagara; baravugana, bati N’iki kitwicaritse ngaha kugira ngo tuhapfire?


Aramubarira, ati Gisubize mu gikiriza. Agisubizayo; maz’ agisokoroye, asanga gisubiye kumera nk’ahandi hose ku mubiri wiwe.


Uhoraho aramwishura, at’ Iyaba se yamuciriye amate mu maso gusa, ntiyomaze imisi ndwi amāramāra? Ni bamwugaranire inyuma y’aho mushagaje, amare imisi ndwi, aheze abone kugaruka.


Ariko wa mutozakori, ahagaze kure, ntiyagomba no kurangamiza ngw arābe mw ijuru, arikw arishishitira, ati Mana, ngirira ikigongwe, nd’ umunyavyaha.


Ikindi gihe ari mu gisagara kimwe muri vyo, haza umuntu ajejeta imibembe: abonye Yesu yikubita hasi yubamye, aramwinginga, ati Mugenzi, ukunze, woshobora kumpumanura.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ