Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 16:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Nanje ndababgire, Itunga ribi muryironkeshereze incuti, ngo ni ryabura baze babatunge mube muri za ngo zitazoshira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

9 Umve ndababwire: Ubutunzi bwanyu bwo mw’isi nimubukoreshe mu kwironderera abagenzi, kugira ngo nibwahera muzokwakirwe mu mazu y’ibihe bidashira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 16:9
28 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umubiri wanje n’umutima wanje bishira umunywera, Arikw Imana ni yo gitandara umutima wanje uhungirako, kandi ni yo mugabane wanje ibihe vyose.


Igitsibo c’abanyabgenge n’ ubutunzi bgabo, Arik’ ubupfu bg’ibipfu n’ ubupfu nyene.


Ūgirira akagongwe umugorwa aba agurānye Uhoraho, Kand’ ukugira neza kwiwe azokumwishura.


Mbega wogumiza ijisho ku kiriko kirarenga? Kuk’ ubutunzi butobura kumera amababa, Nk’inkukuma iguruka itumbereye mw ijuru.


Terera ivyo kurya vyawe ku mazi: uzosubira kubibona hahise imisi myinshi.


Kuko ntotongana ibihe vyose, kandi sinokwama ndatse: kukw imitima n’ubugingo naremye vyodendebukirirwa imbere yanje.


None mugenzi, wemere inama nkugīra; reka ivyaha vyawe ukore ibigororotse, kand’ ureke ibigabitanyo vyawe ugirire akagongwe impahazwa; kugira ngo kumbure kuroranirwa kwawe kube kuramaze kabiri.


Yesu aramubgira, at’ Asangw’ ugomba kuba agahore, genda ushōre ivyo utunze, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw ijuru, utek’ uze, unkurikire.


Ntimukīrundanirize ubutunzi mw isi, ah’ inyenzi n’ingese bibumara, n’ibisuma bikīmba bikabgiba.


Nta wusaba abami babiri: kuko yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kur’ umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga.


Ariko mutange ibir’ imbere mu gikombe no mu nkōko mubitangishijwe n’ubuntu, kand’ umve, vyose bizobabera ibiziruwe.


Mugure ivyo mufise, mutange ibiguzi vyavyo kubg’ ubuntu; mwibarīrire imipfuko idashira, ubutunzi budashira buri mw ijuru, ahatēgērwa n’igisuma, ata n’inyenzi zōnōna:


kuko badafise ivyo kukwishura, arik’ uzokwishurwa mw izuka ry’abagororotsi.


Namba mutabaye abizigirwa kw itunga ribi mubīkijwe, ni nde azobabītsa itunga nyaryo?


Nta muntu asaba abami babiri; yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kur’ umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga.


Ndazi ico nkora, ngo ni nasohorwa mu bubgiriza baze bantunge mbe mu ngo zabo.


arambgira, ati Koruneliyo, ugusenga kwawe kwarumviswe, n’ubuntu bgawe bgibutswe imbere y’Imana.


Na we amukanurira amaso, afise ubgoba, aramubaza, ati N’iki ga Mwami? Aramwishura, ati Gusenga kwawe n’ubuntu bgawe vyadūze biba icibutso imbere y’Imana.


Kukw amarushwa yacu ahwahutse y’akanya ka none yiyongeranije cane kudushikiriza ubgiza buremereye bg’ibihe bidashira.


mwizigamire mu rukundo rw’Imana, mwiteze imbabazi z’Umwami wacu Yesu Kristo zibashitsa ku bugingo budashira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ