Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 16:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Uwo mubgiriza aribaza, ati Mbe ngira nte, ko databuja agira ansohore mu bubgiriza bganje? Sinshobora kurima, binteye isoni ko nosēgerereza.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

3 Wa munyabigega aca aribaza ati: ‘Mbega ndabigenza gute ko databuja agira ankure mu kazi? Nta nkomezi mfise zo kurima, kandi gusega vyontera isoni.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 16:3
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Hamani arinjira. Umwami aramubaza, ati Mbeg’ umuntu jewe umwami nkunze guha icubahiro yokorerwa iki? Nuko Hamani yibaza mu mutima, ati Har’ uwundi umwami yokunda guha icubahiro kuruta jewe?


Umutima w’umunyabute urifuza, ariko nta co uronka, Arik’ umutima w’abanyamwete uratotahara.


Inzira y’umunyabute ni nk’ umurombero w’amahwa, Arikw inzira y’abagororotsi n’ umuharuro.


Kand’ ūdeha mu gikorwa ciwe Aba ar’ incuti y’ūtikiza.


Ubunebge butera itiro ryinshi, Kand’ umunyabute azogira inzara.


Mu gihe c’imbeho umunebge ntakunda kurima, Ni co gituma mw iyimbura aja gusēgerereza ntagire ico aronka.


Ūreze umushumba akamufyinisha uhereye mu buto bgiwe, Uburuhiro n’ukuzohava yīgira umwana wiwe.


None muzogira mute umusi muzoshikīrwa, no mw irandura rivudutse kure? Muzohungira kuri nde ngw abatabare? Kandi muzobītsa hehe ubutunzi bganyu?


ba kamenyi bavuga ibinyoma, kandi n’abaherezi, uko baganza kwose bagukūra kuri bo; kand’ abantu banje ni co bakunda: mbega none muzokora iki kw iherezo ryavyo?


Mbega muzogira mute, ku musi mukuru washinzwe, no ku musi w’ikoraniro ry’Uhoraho?


Bugorovye, nyen’ uruzabibu abgira umukoresha wiwe, ati Hamagara abakozi, ubagerere ingero zabo, utangurire mu bo hanyuma gushitsa ku ba mbere.


Nuko bashika i Yeriko: akivana i Yeriko n’abigishwa biwe n’ishengero ryinshi, mwene Timayo yitwa Barutimayo, umusēzi w’impumyi, yari yicaye i ruhande y’inzira.


Yiyumvira mu mutima wiwe, ati Ndagira nte, ko ntagira aho nimburira imirima yanje?


Aramuhamagaza, aramubaza, at’ Ivyo nkwumvako n’ibiki? Harūra igitigiri c’ivyo wabīkijwe, kuk’ utagikwiye kuba umubgiriza wanje.


Kandi hāriho n’umworo yitwa Lazaro, yatembagara kw irembo ryiwe yatonyanga ibisebe.


Hanyuma rero wa mworo arapfa, abamarayika bamujana mu gikiriza ca Aburahamu: na nya mutunzi arapfa, arahambga.


Ndazi ico nkora, ngo ni nasohorwa mu bubgiriza baze bantunge mbe mu ngo zabo.


Amara imisi atemera, ariko hanyuma aribgira, ati Naho ntatinya Imana, kandi singire isoni z’abantu,


Nukw ababanyi biwe, n’abāhora bamubona kw ar’ umusēzi, barabazanya, bati Mbeg’ uyu si we yahora yicaye asēgerereza?


Hār’ umuntu yaremaye ibirenge uhereye kuva mu nda ya nyina, yama aterurwa, bakamushira kw irembo ry’urusengero ryitwa Ryiza uko bukeye, kugira ngw asēge abinjira mu rusengero.


ariko va hasi, ushike mu gisagara, uzobarirwa ivy’ ukwiye gukora.


Kuko twumvise yuko hariho bamwe bo muri mwebge bagenda basaragurika, bama bīneganegera bakīta mu bitabakwiye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ