Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 16:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Mber’ ukūye n’ivyo, hagati yacu namwe harih’ imanga ihambaye yashizweho kugira ngo ni hagira abagomba kuva ino bakaja aho muri ntibabishobore, kandi ngo ntibave iyo ngo bashike aho turi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

26 Kandi uretse n’ivyo, hagati yacu na wewe hari imanga nini ku buryo ata wushobora kuva ino ngo aze iyo, kandi ata wushobora kuva iyo ngo aze ino.’

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 16:26
15 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Bacūrirwa i kuzimu nk’umukuku w’intama, Rupfu azobaragira: Abatunganye bukeye bazobaganza; Ubgiza bgabo i kuzimu hazobuhabga ngo habumare, ntibugire aho kuba.


None rero yemwe abibagira Imana, ni mwiyumvire ibi, Noye kubashishimura, hakabura uwobakiza:


Kand’ ab’ inzu ya Isirayeli ntibazokwongera kugira umukere ubahanda, cank’ umubambangwe ubasāsāta mu babakikije bose, bāhora babagirira nabi; maze bazomenya yuko jewe nd’ Umwami Uhoraho.


Aho ni ho muzosubira kumenya yuko har’ itandukaniro ry’umugororotsi n’umunyakibi, ry’ūkorera Imana n’ūtayikorera.


Abo bazoja mu gihano kidashira, arikw abagororotsi bazoja mu bugingo budashira.


Ndakubgire, Ntuzohava na gatoya, utishuye n’isenge ry’imperēra.


Aburahamu aramubgira, ati Mwana wanje, ibuka yuko wahawe ivyiza vyawe ukiriho, Lazaro na we yahawe ibibi: non’ amariwe imibabaro hano, nawe uraseserezwa.


Na we ati Ndakwinginze se muvyeyi, umurungike mu rugo kwa data,


Uwizeye Umwana arafise ubugingo budashira, arik’ ūtumvira Umwana ntazobona ubugingo, arik’ uburake bg’Imana buguma kuri we.


Kand’ Umurwanizi yabazimiza atererwa muri ca kiyaga caka umuriro n’amazuku, kirimwo na ca gikōko na wa muvugishwa w’ibinyoma, bazobabazwa ku murango no mw ijoro ibihe bitazoshira.


Ūgabitanya n’ashishikare agabitanye; uwanduye mu mutima n’ashishikare yandure; ūgororotse n’ashishikare agororoke; uwera n’ashishikare yezwe.


Nuko Abigayili asubirayo, asanga Nabali yarondeje amazimano mu nzu yiwe, nk’amazimano y’umwami, asigaye adayangwa kuko yaborewe cane; ni co catumye atagira ico amubarira, ari gito ari kinini, gushitsa bukeye.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ