Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 16:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Ar’i kuzimu, ararangamiza, ababazwa cane, abona Aburahamu ari kure, na Lazaro ari mu gikiriza ciwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

23 Ariko arababarizwa i kuzimu, yunamura amaso abona Aburahamu ari kure cane, na Lazaro ari mu gikiriza ciwe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 16:23
26 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuk’ utazoreka ubugingo bganje ngo buje i kuzimu, Kandi ntuzokundira Uwera wawe ngw az’ abore.


Arikw Imana yo izocungura ubugingo bganje, ibukūre mu kuboko kw’i kuzimu, Kukw ari yo izonyakīra. Sela.


Kukw imbabazi umfitiye ari nyinshi; Kandi wakijije ubugingo bganje ngo ntibuje i bgina i kuzimu.


Abanyakibi bazosubizwa i kuzimu, Mbere n’amahanga yose yibagira Imana.


Ku munyabgenge inzira y’ ubugingo idūga irora hejuru, Kugira ngw atandukane n’i kuzimu i bgina.


Ibirenge vyiwe bimanuka mu rupfu; Intambuko ziwe zimushikana i kuzimu;


Inzu yiwe n’inzira ija i kuzimu, Imanuka irora i wabo w’urupfu.


Ariko wa wundi ntaba azi kw imizimu ari ho iri, Kandi kw abatumire biwe baba i bgina i kuzimu.


Yamar’ uzomanurwa, ushike i kuzimu, ushike mu bgigobeko bga rwa rwobo.


Hasi i kuzimu harashwabadutse kugusanganira; hakanguye abāpfuye kubgawe, ni bo bahambaye bose bo mw isi; havyagurukije abami bose b’amahanga ku ntebe zabo.


Nawe, Kaperinawumu, mbeg’ uzoshirwa hejuru ushike kw ijuru? Oya, uzocokezwa i kuzimu; kukw ibikomeye vyakorewe muri wewe, iyo biba vyarakorewe i Sodomu, haba hakiriho na bugingo n’ubu.


Kand’ ijisho ryawe ni ryagutsitaza, urinogore urite kure; vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo upfuye ijisho, hak’ utererwa muri Gehinomu y’umuriro ufise amaso yompi.


Mwa nzoka mwe, mwa bana b’inzoka, muzohunga mute urubanza rwa Gehinomu?


Ariko jeho ndababgira yuk’ umuntu wese azorakira mugenzi we azoba ashikiwe no gutsindwa n’urubanza; ūzotuka mugenzi we, ngo Wa kijuju we! azoba ashikiwe no gucirwakw iteka; ūzomutuka, ati Wa gipfu we! azoba ashikiwe no gutabga mu muriro wa Gehinomu.


Ijisho ryawe ry’i buryo ni ryagutsitaza, urinogore, urite kure: vyokubera vyiza gupfa ijisho ryawe rimwe, hak’ umubiri wawe wose wotabga muri Gehinomu.


Barasemerera, bati Duhuriye hehe ga Mwana w’Imana? Uje hano kutubabaza agashinyaguro igihe cacu kitarashika?


Aratabaza, ati Aburahamu muvyeyi, ngirira ikigongwe, rungika Lazaro, akoze isonga y’urutoke mu mazi, ampfuvye ururimi, kuko nsesererejwe mur’ uru rubeya.


kuko mfise bene mama batanu; ababgire uko bimeze, ngo na bo ntibaze baze hano hantu ho kubabarizwa.


Abonye Yesu arasemerera, amwikubita imbere, avuga n’ijwi rirenga, ati Duhūriye hehe ga Yesu, Mwana w’Imana isumba vyose? Ndakwinginze, ntumbabaze agashinyaguro.


Wa rupfu we, intsinzi yawe iri hehe? Wa rupfu we, uruboyi rwawe ruri hehe?


Kuko, kw Imana itāgiriye ikigongwe abamarayika bākoze ivyaha, arikw ikabakororera i kuzimu, ikabashira mu vyobo vy’umwiza, ngo barindirwe kuzocirwakw iteka;


Kand’ Umurwanizi yabazimiza atererwa muri ca kiyaga caka umuriro n’amazuku, kirimwo na ca gikōko na wa muvugishwa w’ibinyoma, bazobabazwa ku murango no mw ijoro ibihe bitazoshira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ