Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 16:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Hābaye umuntu w’umutunzi yambara impuzu z’inyambarabami n’izera nziza, yama adibamye mu vyiza imisi yose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

19 Habaye umutunzi yama yambaye mpuzu nziza z’igiciro kinini, kandi mu buzima bwiwe bwa misi yose yibera mu misi mikuru.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 16:19
23 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Rāba, ibi ni vyo bigabitanyo vya murumunawe Sodomu: kugira ubgibone, n’ukwibera mu gahimbo k’indya, n’ ugutsindaza ata co yinona; ivyo ni vyo vyari muri we no mu bakobga biwe; kandi ntiyatabaye impahazwa n’umukene.


Igihuzu cawe c’ubgato gikozwe mu mpuzu zera derere zijererenze amabara zivuye muri Egiputa, kugira ngo kikubere ibendera; amasufe n’amashigisha vyavuye mu Banyelishahu baba ku kiyaga ni vyo vyakubereye icugamo.


bati N’ibara, n’ibara, ca gisagara gihambaye, cambaye impuzu zera nziza n’iz’ inyambarabami n’iz’ agahama, kandi cisakaye izahabu n’utubuyenge tw’ igiciro kinini n’imaragarita,


Nk’uko yihimbaza, akīgirira ibihinda, abe ari ko mumuha kubabazwa agashinyaguro no kuboroga. Kuko yibgira mu mutima, ngo Mvyagiye nd’umwamikazi, sind’ umupfakazi, sinzobona amaborogo n’akazirukanyo:


Uwo mugore yambaye impuzu y’inyambarabami n’iy’ agahama, yari yisakaye izahabu n’utubuyenge tw’igiciro kinini n’imaragarita, afise igikombe c’izahabu mu minwe cuzuye ibihumanya n’imyanda y’ubusambanyi bgiwe.


Maz’ abgira abigishwa biwe, ati Hābaye umuntu w’umutunzi yar’ afise umubgiriza wiwe, bamumuregako ko yaya ibintu vyiwe.


Bamwambika impuzu y’ishigisha, batsiba igitsibo c’amahwa, bakimwambika mu mutwe;


Uko ni ko wasakawe izahabu n’ifeza; kand’ imyambaro yawe yar’ impuzu zera derere n’amahariri, n’ izijererenze amabara; wama urya ivy’ ifu isētse neza, n’ubūki, n’ amavuta; kandi wari n’akaranga bihebuje, uraroranirwa ushitsa no ku kwamikara.


Maze Moridekayi arasohoka, ava imbere y’umwami, yambaye imyambaro y’ubgami y’amasufe n’iyera, n’igitsibo kinini c’izahabu, n’imvune yera nziza y’inyambarabami; nukw abo ku murwa i Shushani basemerera banezerewe.


Kandi kuriba kw’izo mpeta z’izahabu kwari shekeli igihumbi n’amajana ndwi, udashizemw’ ibihete n’utugenegene n’impuzu z’inyambarabami, ivy’ abo bami b’i Midiyani bambara, udashizemwo n’imigufu yari ku mazosi y’ingamiya zabo.


Imisi mike ishize, umuhererezi akoranya ibintu vyiwe vyose, aragenda, aja mu kindi gihugu ca kure; ashitseyo yayisha ibintu vyiwe ubuhumbu.


Bamaze kumucurīra, bamwambura ya mpuzu y’ishigisha, bamwambika iziwe mpuzu, bamurengana irembo bamushoreye kumubamba.


Yijishira ivyo kuryamamwo, Yambara impuzu zera nziza n’iz’ amashigisha.


Umuntu wese yirukana umugore wiwe, akābīra uwundi, aba asambanye; kandi n’uwābīra umugore yahukanye n’umugabo wiwe aba asambanye.


Kandi hāriho n’umworo yitwa Lazaro, yatembagara kw irembo ryiwe yatonyanga ibisebe.


Igitsibo c’abanyabgenge n’ ubutunzi bgabo, Arik’ ubupfu bg’ibipfu n’ ubupfu nyene.


n’ivyirore, n’imvune zera, n’ibitambara bīteze mu mutwe, n’ubuyonga.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ