Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 15:6 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

6 yashika mu rugo, agahamagara incuti ziwe n’ababanyi biwe, akababgira, ati Tunezeranwe, kuko mbonye intama yanje yari yāzimiye.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

6 Ashitse i muhira, yoca ahamagara ababanyi n’abagenzi akababwira ati: ‘Nimuze tunezeranwe kuko natoye intama yanje yari yazimiye.’

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 15:6
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Narahuvye nk’intama izimiye: rondera umusavyi wawe, Kuko ntibagira amabgirizwa yawe.


Ababanyi biwe n’incuti ziwe bumva yuk’ Umwami Imana yamugiriye imbabazi nyinshi, banezeranwa na we.


Ndababgire, Uko ni ko haba umunezero imbere y’abamarayika b’Imana kubg’ umunyavyaha umwe yihannye.


kuk’ uyu mwana wanje yari yarapfuye, non’ arazutse; yari yarahavye, non’ arahabutse. Nuko batangura kunezerwa.


Iy’ ayibonye, ayiterera ku bitugu anezerewe;


Ndababgira yuko mw ijuru bazonezererwa bartyo umunyavyaha umwe yihannye, bakamurutisha abagororotsi mirongwicenda n’icenda batarinda kwihana.


Mur’ abakunzi banje, ni mwakora ivyo mbagera.


Ūhawe umugeni ni we mukwe, arik’ umugenzi w’uno mukwe amuhagaraye i ruhande amwumva, anezerwa cane n’ijwi ry’umukwe; nukw ako kanyamuneza kanje karashitse.


Na we amaze gushikayo, abonye ubuntu bg’Imana, biramunezereza, arabahanūra bose ngo bamaramaze mu mitima kwifatanya akaramata n’Umwami Yesu.


Nukw abo, ishengero rimaze kubaherekeza, baca i Foyinike bo n’i Samariya, babamenyesha ingen’ abanyamahanga bāhindukiriye Imana, batera bene Data bose akanyamuneza kenshi.


kand’ uko nsenze kwose mbasengera mwese nnezerewe,


Arikw asangwa nkwiye gusukwa ku kimazi c’ukwizera kwanyu no kw ibango ryakwo, ndanezerwa, nnezeranwa namwe mwese:


Nuko rero, bene Data, abo nkunda mporanira igishika, mur’ umunezero wanje n’igitsibo nambaye, muhagarare mushikamye murtyo muri mu Mwami wacu, abo nkunda.


Non’ ivyizigiro vyacu n’iki, cank’ umunezero, cank’ igitsibo co mu mutwe twirata? Mbega si mwebge, imbere y’Umwami wacu Yesu ah’ azozira?


kera nta bantu mwarimwo, ariko noneho mur’ abantu b’Imana; kera ntimwaribgagirirwe imbabazi, ariko noneho mwarazigiriwe.


Kuko mwari muzimiye nk’intama, ariko noneho mugarutse ku Mwungere w’ubugingo bganyu, ari we nyene abujējwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ