Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 15:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Iy’ ayibonye, ayiterera ku bitugu anezerewe;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

5 Kandi ayitoye yoyiterera ku rutugu anezerewe.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 15:5
31 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kandi bazobita Ihanga ryera, Abācunguwe n’Uhoraho; kand’ uzokwitwa Ahārondewe, Umurwa utāhebge.


Nk’uk’ umusore arongora inkumi, ni kw abakubamwo bazokurongora, ewe Yerusalemu; kandi nk’uk’ umukwe anezererwa umugeni, ni kw Imana yawe izokunezererwa.


Yababaranye na bo mu mibabaro yabo yose, kand’ umumarayika yama ahagaze mu nyonga ziwe yarabakiza: urukundo rwiwe n’ikigongwe ciwe ni vyo vyamuteye kubacungura; yarabaterura akabaheka imisi yose ya kera.


Mbega mugira ngo mpimbarwa n’uk’ umunyavyaha apfa? ni k’ Umwami Uhoraho abaza; ikimpimbara s’uko yohindukira akava mu ngeso ziwe akabaho?


Ubabgire, uti Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, simpimbarwa n’uk’ umunyavyaha apfa, atar’ uko yohindukira, akava mu ngeso ziwe, akabaho: enda ni muhindukire, mugaruke muve mu ngeso zanyu mbi; n’iki gituma mugomba gupfa, yemwe ab’ inzu ya Isirayeli?


Azohagarara, aragire umukuku wiwe mu nkomezi z’Uhoraho, no mu cubahiro c’ izina ry’Uhoraho Imana yiwe: kandi bazokwībērah’ umugaramango; kukw ico gihe ubukuru bgiwe buzoshika ku mpera z’isi.


N’iyihe Mana ihwanye nawe, iharira ibigabitanyo, ikīrengagiza igicumuro c’amasigarira y’abo yīzīziye? Ntuhorana uburake imisi yose, kuk’ uhimbarwa no kugira imbabazi.


Uhoraho Imana yawe ari hagati muri wewe n’umuhizi ashobora gukiza: azokunezererwa n’akanyamuneza, ahwekerere mu rukundo rwiwe; azokunezererwa avuza impundu,


arikw akanyamuneza no guhimbarwa biratubereye: kuko murumunāwe uyu yari yarapfuye, non’ arazutse; yari yarahavye, non’ arahabutse.


ati Hogira umuntu muri mwebge afise intama ijana, yozimiza imwe muri zo, ntiyosiga izindi mirongwicenda n’icenda mu gahinga, akaja kurondera iyazimiye, kugeza ah’ ayibonera?


yashika mu rugo, agahamagara incuti ziwe n’ababanyi biwe, akababgira, ati Tunezeranwe, kuko mbonye intama yanje yari yāzimiye.


Yesu amuvugako, at’ Uyu musi agakiza gashitse mur’ iyi nzu, kuk’ uyu na we ar’ umwana wa Aburahamu.


Aramwishura, ati Ndakubgire ukuri: Uyu musi urabana nanje muri Paradiso.


Ivyo mbibabgiye, kugira ng’umunezero wanje ube muri mwebge, kandi n’umunezero wanyu wuzuzwe.


Kuko tur’ ibiremwa vyayo, twaremewe muri Kristo Yesu ngo dukore ibikorwa vyiza, ivyo Imana yateguye kera ngo tubigenderemwo.


Nacitse umukozi wabgo, nk’ukw ingabire y’ubuntu bg’Imana iri, ubgo nahawe, nk’uk’ ubushobozi bgayo bukora.


kuk’ ubutumwa bgacu butābashitseko ar’ amajambo yonyene ariko bgarimwo n’ubushobozi na Mpwemu Yera, no kumara amazinda rwose; namwe murazi ubugene twari tumeze hagati muri mwebge kubganyu.


bashire ibirāre, bave mu mutego wa wa Murwanizi yabafashe ngo bakore ivy’ agomba.


dutumbereye Yesu wenyene, ni we nyanduruko yo kwizera kandi ni we yagusozereye; uwo, kubg’ umunezero yashizwe imbere, yihanganiye umusaraba, ntiyagira ikindi isoni zawo, avyagira i buryo bg’intebe y’Imana.


mwebge abazigamwa n’ubushobozi bg’Imana kubg’ ukwizera, muzigamirwa agakiza kāteguwe kuzohishurwa mu gihe c’iherezo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ