Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 15:24 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

24 kuk’ uyu mwana wanje yari yarapfuye, non’ arazutse; yari yarahavye, non’ arahabutse. Nuko batangura kunezerwa.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

24 kuko umwana wanje yari yarapfuye none arazutse, yari yarazimiye none arazimurutse.’ Nuko baca batangura kugira umusi mukuru.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 15:24
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

hamwe twari tugipfuye, twishwe n’ibicumuro vyacu, yatugiranye bazima na Kristo — ubuntu ni bgo bgabakijije —


Nzorondera iyazimiye, ngarukane iyahuvye, nunge īvunitse, nsindagize īrwaye, izivyibushe n’izikomeye ndazibogeke; zose nzoziragira mu buryo buroranye.


Kandi hamwe mwari mugipfuye mwishwe n’ibicumuro vyanyu n’ukudakebga kw’imibiri yanyu, yabagiranye bazima na we, imaze kuduharira ibicumuro vyacu vyose,


Kand’ Umwana w’umuntu yazanywe no kurondera no gukiza icari cazimiye.


Namwe yarabagize bazima, hamwe mwari mupfuye mwishwe n’ibicumuro n’ivyaha vyanyu,


ati Hogira umuntu muri mwebge afise intama ijana, yozimiza imwe muri zo, ntiyosiga izindi mirongwicenda n’icenda mu gahinga, akaja kurondera iyazimiye, kugeza ah’ ayibonera?


arikw akanyamuneza no guhimbarwa biratubereye: kuko murumunāwe uyu yari yarapfuye, non’ arazutse; yari yarahavye, non’ arahabutse.


Abe ari ko namwe mwiyumvira ko mwāpfuye ku caha, ariko ko muriho mur’ ab’ Imana, muri muri Kristo Yesu.


Kukw ikingera ca Mpwemu w’ubugingo bgo muri Kristo Yesu cancunguye ngo singanzwe n’icangera c’icaha n’ic’ urupfu.


munezeranwe n’abanezerewe, murirane n’abarira.


Abācunguwe n’ Uhoraho bazogaruka, bashike i Siyoni baririmba; umunezero udashira uzoba ku mitwe yabo: bazobona uguhimbarwa bo n’ umunezero, kand’ umubabaro n’ ugusuhuza umutima bizohunga.


Yesu aramubgira, ati Ni jewe kuzuka n’ubugingo. Ūnyizera n’iyo yoba yarapfuye, azobaho;


Ni co gituma bivugwa, ngw Ikangure, wewe usinziriye, uzuke uve mu bapfuye, Kristo arakumurikira.


Kand’ urugingo rumwe iyo rubabaye, ingingo zose zirababazanywa na rwo: cank’ iy’ urugingo rumwe ruhawe icubahiro, ingingo zose zihimbaranwa na rwo.


Ko gutabga kwabo kwazaniye abari mw isi kwuzura n’Imana, ukugarukanwa kwabo kuzoba gute? Mbega ntikuzoba ubugingo buzutse mu bapfuye?


Kandi ntimugahe icaha imibiri yanyu ngw ikoreshwe n’ukugabitanya; ariko mwishikanire Imana nk’abazuke bavuye mu bapfuye, n’imibiri yanyu muyihe Imana kugira ngw ikoreshwe no kugororoka.


Nk’uko Se azura abapfuye akabaha ubugingo, ni ko n’Umwana aha ubugingo abo agomba.


Baraza bashika i Betsayida. Bamuzanira impumyi, baramwinginga ngw ayikoreko.


Īdakomeye ntimwayisindagije, n’īrwaye ntimwayivūye, n’īvunitse ntimwayunze, n’iyirukanywe ntimwayigarukanye, canke ngo murondere iyazimiye; ariko mwazitwaje igitugu n’amanyama.


Kandi wandikire umumarayika w’ishengero ry’i Sarudi, ut’ Ūfise Impwemu ndwi z’Imana n’inyenyeri ndwi, aravuga ibi, ngo Ndazi ibikorwa vyawe, k’uvugwa k’uri muzima, arik’ ur’ uwapfuye.


Abo n’ivyubirizi mw isangira ryanyu ry’urukundo, iyo basangira namwe ivyiza; n’abungere bīragira ubgabo ata dusoni: n’ibicu bitagira amazi, bikubebga hose n’umuyaga; n’ibiti birumvye bitāma, vyapfuye kabiri, vyaranduranywe n’imizi;


Ehe mbahaye ububasha bgo gukandagira inzoka na sikorupiyo, n’ubgo kunesha ubushobozi bga wa Mwansi bgose, kandi nta kintu kizogira ico kibagira na gatoya.


Isirayeli aravuga, ati Ni vyo bizi, ko Yosefu umwana wanje akiriho! Ndagenda nje kumubona ntarapfa!


kugira ngo mwonke, muhāge amaberebere y’ibihahūmuriza, mugutanye munezererwe icubahiro caho c’umureto.


Ariko Yesu aramubgira, ati Nkurikira, reka abapfuye bahambe abapfuye babo.


Ariko Yesu aramubarira, ati Reka abāpfuye bahambe abāpfuye babo, ariko weho genda, ukwize ivy’ ubgami bg’Imana.


muzane ya shūri inuze, muyibāge, turye tunezerwe:


Arik’ umwana wiwe w’imfura yari mu ndimiro; arikw araza, agira ashike ku nzu, yumva inanga n’imihamirizo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ