Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 15:22 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

22 Maze se abarira abashumba biwe, ati Ni muzane n’ingoga imvune iruta izindi, muyimwambike, mumwambike n’impeta ku rutoke n’inkweto mu birenge,

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

22 Ariko se aca abarira abakozi biwe ati: ‘Nimwihute muzane ikanzu nziza iruta izindi muyimwambike, mumwambike n’impeta ku rutoke, n’ibirato ku birenge.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 15:22
30 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Nuko Farawo aca yiyambura impeta irikw ikimenyetso, yo ku rutoke rwiwe, ayambika Yosefu ku rutoke, amwambika impuzu zera nziza, amwambika n’umugufu w’izahabu mw izosi,


Nuk’ umwami aca yambura impeta ku rutoke, ayiha Hamani mwene Hamedata Umwagagi, umwansi w’Abayuda.


Umwami aca yiyambura impeta, iyo yari yatse Hamani, ayiha Moridekayi. Maze Esiteri ashikiriza Moridekayi urwo rugo rwa Hamani.


Kand’ abaherezi baho nzobambika agakiza: Abakunzi banje baho bazosēsereza impundu.


Abaherezi bawe bambare ukugororoka; N’abakunzi bawe bavuze impundu.


Ni yo ihindura ibirenge vyanje nk’ivy’ impongokazi, Impagarika ku dutwe tw’imisozi yanje.


Umukobga w’umwami ar’ i kare afise ubgiza bginshi: Impuzu ziwe zijishishijwe inyuzi z’izahabu.


Ewe kuntu uturenge twawe ari twiza mu nkweto zawe, ga mukobga w’umwami! Amatako yawe ameze nk’ utugenegene tw’utubuyenge Twabājwe n’intoke z’umuhinga.


Nzonezererwa cane Uhoraho, umutima wanje uvugirize impundu Imana yanje; kuko yanyambitse imyambaro y’agakiza, akansēsa hejuru umutamana w’ubugororotsi, nk’uk’ umukwe ashazisha igitsibo, kandi nk’uk’ umugeni ashazisha utugenegene twiwe.


Wa muhungu aramubgira, ati Data, nacumuye ku Yo mw ijuru no mu maso yawe, singikwiye kwitwa umwana wawe.


muzane ya shūri inuze, muyibāge, turye tunezerwe:


Ariko mwambare Umwami Yesu Kristo, kandi ntimubabare ivy’ umubiri, ngo mukore ivyo wifuza.


n’ukugororoka kuva ku Mana, kuzanwa no kwizera Yesu Kristo, kugira ngw abizeye bose baguhabge. Kukw ata tandukaniro;


Kuko mutāhawe impwemu y’ubuja ngo mwongere gutinya; ariko mwāhawe impwemu yo kubahindura abana b’Imana, idutakisha ngo Abba, Data.


kuko mwese ababatirijwe kuba aba Kristo mwanbaye Kristo.


mwambaye inkweto z’ivyo ubutumwa bgiza bg’amahoro bibīteguza;


Ibihindizo vyawe bizoba ivyuma n’imiringa, Kand’ ukw imisi yawe ingana, ni kw inkomezi zawe zizongana.


Kandi yahawe kwambara impuzu zera nziza, zikayangana, zitanduye; izo mpuzu zera nziza ni zo bikorwa vyo kugororoka vy’abera.


Ūri n’ugutwi ni yumve ico Mpwemu abgira amashengero. Ūnesha nzomuha kuri manu yanyegejwe, kandi nzomuha ibuye ryera, kur’ iryo buye handitswekw izina risha, nta muntu arizi, atar’ ūzorihabga.


ndakugīra inama, ungurekw izahabu yakūwekw inkamba n’umuriro, ubone kuba umutunzi; ungureko n’impuzu zera, ubone kwambara, isoni z’ubgambure bgawe ntizigaragare; kand’ ungureko n’umuti wo gusīga ku maso, ubone guhumūka.


Umuntu wese muri bo ahabga imvune yera, babarirwa kumara iyindi misi baruhuka, gushitsa ah’ igitigiri c’abagurano bagenzi babo na bene Se, bagira bicwe nka bo, kizoshikira.


Hanyuma y’ivyo mbona ishengero ryinshi, ata woshobora kuriharūra, bo mu mahanga yose n’imiryango yose n’amoko yose n’indimi zose, bahagaze imbere y’iyo ntebe n’imbere y’Umwagazi w’Intama, bambaye imvune zera, bari n’amashami y’ibigazi mu minwe:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ