Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 15:20 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

20 Ava hasi, aja kwa se. Se amubona akiri kure, amutera akagongwe, arirukanga, amugwa mw izosi, aramugumbira.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

20 Nuko afata akayira aja kwa se. Akiri kure, se aramubona, afatwa n’ibigumbagumba, ariruka aja kumusanganira, aramugumbira, aramusomagura.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 15:20
22 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Esau ariruka aramusanganira, amugwa mu gikiriza, amurenganyakw amaboko, aramugūmbīra: baca bararira.


Yosefu araheza agwa mw izosi Benyamini mwene nyina, ararira; Benyamini na we aririra kw izosi rya Yosefu.


Yosefu azirikisha umukogote wiwe ku mafarasi, adūga i Gosheni ngw asanganire se Isirayeli; aramwibarira, amugwa mw izosi, aririra kw izosi ryiwe umwanya munini.


Nuko Yowabu aja i bgami, arabimubarira; maz’ umwami ahamagaza Abusalomu, ararenguka, akubita inkoro hasi imbere y’ umwami; umwami aramugumbira.


Ariko wewe Mwami, ur’ Imana yuzuye imbabazi, ur’ inyabuntu, Uteba kuraka, ugira ikigongwe cinshi n’ukuri kwinshi.


Kuko wewe Mwami, uri mwiza, ugabirije guharira, Kandi wuzuye imbabazi ku bakwambaza bose.


Mbeg’ umugore yokwibagira umwana akiri kw ibere, ngo yoye kugirira akagongwe ubura bgiwe? Ni koko, abo boshobora kwibagira, ariko jeho sinoshobora kukwibagira.


Inzira ziwe narazibonye, kandi nzomukiza; nzomurōngōra, nzoheruka kumwirurana n’abāmuborogera.


Mbega Efurayimu n’umwana wanje nkunda koko? N’umwana ateye igomwe? Kuk’ uko ndamukankamiye nama ndamwibukana igishika; ni co gituma ndamuhagarikira umutima: sinzobura kumugirira ikigongwe, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Noshobora nte kuguheba ga Efurayimu? Noshobora nte kugutanga ga Isirayeli? Noshobora nte kukugirira nk’i Adima? Noshobora nte kuguhindura nk’i Seboyimu? Umutima wanje ubuze uburagamo muri jewe, n’imbabazi zanje zose zirakongerejwe.


singikwiye kwitwa umwana wawe: pfuma ungira umucangero wawe.


Wa muhungu aramubgira, ati Data, nacumuye ku Yo mw ijuru no mu maso yawe, singikwiye kwitwa umwana wawe.


Kukw isezerano ar’ iryanyu kand’ ar’ iry’ abana banyu, n’abari kure bose, abazohamagarwa bose n’Umwami Imana yacu.


Bose bararira cane, bagwa Paulo mw izosi, baramugumbira:


Ariko noneho, kuko muri muri Kristo Yesu, mwebge abāri kure kera mwigijwe hafi n’amaraso ya Kristo


Yaraje, ababgira ubutumwa bgiza bg’amahoro, mwebge abāri kure; kand’ abāri hafi na bo ababgira amahoro:


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ