Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 15:17 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

17 Yisubiyemwo, aribgira, at’ Abacangero ba data bangana kuriya, kandi bahāzwa n’ivyo kurya bakabisigaza, nanje jeho inzara irikw iranyicira hano.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

17 Ariko umusi umwe akenge karagaruka, aribwira ati: ‘Kwa data hari abakozi benshi kandi bararya bagasigaza, ariko jeho inzara igira inyicire hano.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 15:17
19 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kuko yīrīmbūye agahindukira akava mu bicumuro vyiwe vyose yakoze, n’ukuri azobaho, ntazopfa.


Ni co gituma bivugwa, ngw Ikangure, wewe usinziriye, uzuke uve mu bapfuye, Kristo arakumurikira.


N’ ukuri mmaze guhindukizwa narihannye; bimaze kunyigisha narishishitiye: nagize isoni, mbere ndatētērwa, kukw ibiteye isoni vyo mu buto bganje vyansubiyeko.


Bumvise ivyo, bibacumita mu mitima, babaza Petero n’izindi ntumwa, bati Bagabo bene Data, mbega tugire dute?


Ar’i kuzimu, ararangamiza, ababazwa cane, abona Aburahamu ari kure, na Lazaro ari mu gikiriza ciwe.


Na bo bavayo, baza kurāba ivyābaye, bashika aho Yesu ari, basanga wa muntu yavuwemwo n’abadayimoni, yicaye i ruhande y’ibirenge vya Yesu, yambaye, ubgenge bgāgarutse; baratinya.


Mu gihe c’umubabaro waho n’ivyago, Yerusalemu hibutse Ibihimbaro vyaho vyose hāhoranye uhereye kuva kera. Hamwe abantu baho bākorokeye mu maboko y’umurwanizi, ntihabone ūhatabara, Abarwanizi bārahabona, bakahatwengera mw ijigo ko habaye imisaka.


Ubu n’ubuyobe mu bikorerwa musi y’izuba vyose, yukw iherezo rya bose ari rimwe: mbere, mu mitima y’abana b’abantu huzuyemw’ ibibi, kandi bakiriho, ubusazi buba mu mitima yabo, hanyuma bakitāhira mu bapfuye,


Nk’ukw inzozi zimeze, iy’ umuntu yikanguye, Ni ko nawe, Mwami, ni wikangura, uzobakēngēra nk’ibiravūswe.


Ndiyumvira inzira zanje, Ngahindurira ibirenge vyanje ku vyo wihanikirije,


Azokwirukira abūzure biwe, ariko ntabahamvye, azobarondera, ariko ntababone. Ni ho azovuga, ati Hinge nsubire ku mugabo wanje wa mbere, kuk’ ubga mbere nari mmerewe neza kuruta ubu.


Yifuza guhāzwa n’ibishishwa ingurube zārya, ntihāgira ūmunūtsa.


Akenge kagarutse, Petero aribgira, ati Noneho mmenye vy’ukuri yuk’ Umwami yatumye umumarayika wiwe, akankiza ukuboko kwa Herode, bo n’ivyo ubgoko bg’Abayuda bgāri bushamāje vyose.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ