Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 15:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Imisi mike ishize, umuhererezi akoranya ibintu vyiwe vyose, aragenda, aja mu kindi gihugu ca kure; ashitseyo yayisha ibintu vyiwe ubuhumbu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Haciye imisi mike wa muhungu muto yegeranya ubutunzi bwiwe, aja mu gihugu ca kure, yononera rya tunga ryiwe mu buhumbu.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 15:13
35 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Kukw abakuja kure bazoranduka; Wahoneje abakuretse bose bagacika ibimaka.


Kand’ ūdeha mu gikorwa ciwe Aba ar’ incuti y’ūtikiza.


Uwishinga akayāgīriro azocika umukene, Kand’ inkunzi ya vino n’amavuta ntizoba umutunzi.


Mu rugo rw’umunyabgenge har’ ubutunzi bg’igiciro kinini n’amavuta, Arikw igipfu co, kirabirokagiza.


Nk’ukw inyoni itaye icāri iyerēra, N’umuntu ni kw ameze, iy’ ataye urugo rwiwe akayerēra.


Uwitondera ivyagezwe wese aba ar’umwana w’ubgenge, Arik’ umugenzi w’abakunzi b’ inda atētereza se.


Ūkunda ubgenge anezereza se, Arik’ uwifatanya na ba maraya yaya ivyiwe.


Kuko kubga maraya umuntu afūtāna gushitsa asigaye ku kamanyu k’agatsima: Kand’ umusambanyikazi ahīga ubugingo bg’igiciro.


Ewe wa hanga rikora icaha, ubgoko buremerewe n’ukugabitanya, uruvyaro rw’inkozi z’ibibi, abana b’ivyanke! Barantaye, jewe Uhoraho, barankengēra, jewe Uwera w’Abisirayeli; twārahubanywe, bāsubiye inyuma.


yamara bashiraho kwinezereza no guhimbarwa, kubāga inka no kubāga intama, kurya inyama no kunywa vino: bati Ngo twīrīre, twinywere, kukw ejo tuzopfa.


muve mu nzira mukikame, mukūre Uwera w’ Abisirayeli imbere yacu.


Bati Ni muze mbazanire vino, twinywere inturire duhimbe. N’ejo na ho bizomera nk’uku, bizonarushiriza.


kukw abantu banje bakoze ibibi bibiri: bataye jewe, isōko y’amazi y’ubugingo, bakīyimbira ivyobo vyo kubīka amazi, ivyobo vyatobotsemw’ imishwena, bidashobora kugumamw’ amazi.


Yemwe runganwe rw’iki gihe, ni murābe ijambo ryanje, jewe Uhoraho. Mbeg’ Abisirayeli nababereye ubugaragwa? Canke se nababereye igihugu c’umwiza w’umuzitanya? N’iki gituma abantu banje bavuga, bati Turidohoye: ntitukigomba kukugarukako?


uku ni k’Uhoraho agize, ati N’ibigabitanyo ki ba sogokuruza banyu bānsanganye, ko bāngiye kure, bagakurikira ibitagira ikimazi, na bo ubgabo bagahinduka imburakimazi?


Yemwe bantu banje, nabakoreye iki? Canke nabagoje iki? Ni mukimbarire.


Umuhererezi abgira se, ati Data, mpa umugabane w’ibintu notwaye. Abagaburira itunga ryiwe.


Abimaze vyose, ikigoyi gikomeye gitera mur’ ico gihugu, atangura gufutana.


Maz’ uyo mwana wawe aje, yakomvye ivyawe abisambanisha, umubāgira ishūri inuze.


Maz’ abgira abigishwa biwe, ati Hābaye umuntu w’umutunzi yar’ afise umubgiriza wiwe, bamumuregako ko yaya ibintu vyiwe.


Hābaye umuntu w’umutunzi yambara impuzu z’inyambarabami n’izera nziza, yama adibamye mu vyiza imisi yose.


Ariko noneho, kuko muri muri Kristo Yesu, mwebge abāri kure kera mwigijwe hafi n’amaraso ya Kristo


Yaraje, ababgira ubutumwa bgiza bg’amahoro, mwebge abāri kure; kand’ abāri hafi na bo ababgira amahoro:


bababazwe n’ibibi, ni zo ngero z’ubukozi bg’ibibi bgabo. Bumva ibibahimbara ar’ ukwirirwa badayangwa, abo n’amarabaga n’agasembga, badayangishwa n’ivyo bagunze, bagisangira namwe ivyiza.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ