Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 14:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Ariko ni wagira amazimano, upfume utumira aboro n’ibirema n’abacumbagira n’impumyi: ni ho uzoba uhiriwe;

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

13 Ahubwo niwategura umusi mukuru, uze utumire abakene, ibimuga, abacumbagira n’impumyi.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 14:13
34 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Maz’ agaburira abantu bose bo mur’ iryo shengero ryose ry’Abisirayeli, abagabo n’abagore, umwe‐umwe amuha umutsima n’inkekera y’inyama n’akarobe kabumbabumbge mu nzabibu zumye. Maz’ abantu bose barataha, umuntu wese asubira i we.


Kuko Hezekiya umwami w’Abayuda yari yahaye iryo koraniro amamasa igihumbi n’intama ibihumbi ndwi vyo gutanga kw ibimazi, abaganwa na bo bariha amamasa igihumbi nyene, n’intama ibihumbi cumi; nukw abaherezi benshi bariyeza.


Maze Nehemiya arababgira, ati Ni mutahe muje kurya inyama zinuze, munywe n’ibisosa, n’abatagira ico bafise mubarungikire, kuk’ uyu musi werejwe Uhoraho; ntimubabare, kuk’ umunezero w’Uhoraho ari zo nkomezi zanyu.


Nukw abantu bose baraheza baja kurya no kunywa no kugemuranira no kunezeranwa akanyamuneza kenshi, kuko bari batahuye amajambo basobanuriwe.


Umugorwa yarampezagira, Kandi nanezereza umutima w’umupfakazi.


Ūnyikije umugorwa aba agaye Umuremyi wiwe, Arik’ ūgirira ikigongwe agakene, uwo we aba amwubashe.


Ūrābana ijisho ry’irinyabuntu azohabga umugisha, Kukw aha umugorwa ku vyo kurya vyiwe.


ugahebera umushonji ivyo wari kurya, ugahāza impahazwa: umuco wawe uzorasira mu mwiza, kand’ umwiza wawe uzohinduka nko ku murango w’amashōka;


Mbega s’ugutanga ivyo kurya vyawe ukagaburira abashonje, ukazana aboro birukanywe ukabashira mu nzu yawe? Wabona ūgenda gusa ukamwambika, ntiwirengagize mwene wanyu?


Abantu benshi baza kuri we bazanye abacumbagira n’ibimuga n’impumyi n’ibiragi, n’abandi benshi, babashira imbere y’ibirenge vyiwe, arabakiza.


Abo bagendanyi baragenda baja mu nzira bakoranya abo babonye bose, ababi n’abeza; mu bukwe huzura ababutorewe.


Ariko mutange ibir’ imbere mu gikombe no mu nkōko mubitangishijwe n’ubuntu, kand’ umve, vyose bizobabera ibiziruwe.


Kand’ abgira uwamutumiye, ati Ni wagira amazimano ku murango canke mw ijoro, ntuz’ utumire abagenzi bawe cank’ abo muvukana cank’ incuti zawe cank’ ababanyi bawe b’abatunzi; kuko kumbure na bo bogutumira, bakakwishura.


kuko badafise ivyo kukwishura, arik’ uzokwishurwa mw izuka ry’abagororotsi.


Maze wa mushumba agarutse, abgira shebuja uko vyagenze. Nyen’ urugo araraka, abarira umushumba wiwe, ati Genda n’ingoga, uje mu nzira z’ibihamo no mu nzira nto‐nto zo mu gisagara, uzane hano aboro n’ibirema n’impumyi n’abacumbagira.


Petero arikora, ajana na bo: ashitseyo bamujana muri ya nzu yo hejuru, abapfakazi bose bahagarara i ruhande yiwe barira, berekana amapfundo n’imitamana Doruka yapfunditse akiri muri bo.


kugira ngw Abalewi, kuko badafise umugabane cank’ ishamvu muri mwebge, bo n’ inyambukīra, n’impfuvyi, n’abapfakazi, baba i wanyu, babone kuza, barye, bahāge; kugira ng’ Uhoraho Imana yanyu abahezagire mu bikorwa mukora vyose.


muheze munezererwe imbere yiwe, Uhoraho Imana yanyu, ha hantu nyene azoba yātoranije ngw ahashire izina ryiwe ngo rihabe, munezeranwe n’ abahungu banyu n’abakobga banyu, n’abagurano banyu n’abaguranokazi banyu, n’Abalewi baba i wanyu, n’inyambukīra n’ impfuvyi n’abapfakazi baba muri mwebge.


Kandi muze munezererwe iyo misi mikuru, mwe n’abahungu banyu n’abakobga banyu, n’abagurano banyu n’abaguranokazi banyu, n’ Abalewi, n’inyambukīra, n’impfuvyi n’abapfakazi bar’ i wanyu.


Nuk’ umuzezwashengero akwiye kutabak’ umugayo, kand’ akwiye kuba umugabo afise umugore umwe gusa; abe ūtarenza urugero, adahugumba, aganza ingeso ziwe, akunda gutanga indāro, afise ubgenge bgo kwigisha,


handikwe ūshimirwa ibikorwa vyiza, namba yararera abana, namba yaratanga indāro, yarōza ibirenge vy’abera, yarafasha abababaye, yarashishikara gukurikira ibikorwa vyiza vyose.


arikw abe ūkunda gutanga indāro, akunda ivyiza, adahugumba, agororoka, yera, yirinda,


Kuk’ urukundo rwawe rwanteye umunezero mwinshi rukandemesha, kand’ imitima y’abera warayiruhuye, mwene Data.


Ntimwibagire kugirira neza abashitsi: kuko bamwe bāgize bartyo bāhaye indāro abamarayika batabizi.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ