Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 14:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Kand’ abgira uwamutumiye, ati Ni wagira amazimano ku murango canke mw ijoro, ntuz’ utumire abagenzi bawe cank’ abo muvukana cank’ incuti zawe cank’ ababanyi bawe b’abatunzi; kuko kumbure na bo bogutumira, bakakwishura.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

12 Yesu aca abarira uwamutumiye ati: “Niwategura umusi mukuru, ntuze utumire abagenzi, abavukanyi, incuti, canke ababanyi batunze. Kuko na bo bazogutumira, maze impera yawe ibe iyo.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 14:12
13 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Umworo arankwa gushitsa no ku mubanyi, Arik’ umutunzi agira abakunzi benshi.


Ūnyikiza umugorwa aba amugwirije, Kand’ ūgabira umutunzi, aba amukehereje.


Ni mwakunda ababakunda, muri n’impēra ki? Mbeg’ abatozakori bo si ko bagira?


Abashonje yabahāgije ivyiza, Yirukanye abatunzi bagenda imvumure.


Ababanyi biwe n’incuti ziwe bumva yuk’ Umwami Imana yamugiriye imbabazi nyinshi, banezeranwa na we.


Kuk’ umuntu wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kand’ uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.


Ariko ni wagira amazimano, upfume utumira aboro n’ibirema n’abacumbagira n’impumyi: ni ho uzoba uhiriwe;


Nuko ndababgira nk’abana banje, namwe ni mwāguke, mwishure nk’uko mwagiriwe.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ