Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 13:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Ewe Yerusalemu, ewe Yerusalemu, wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko! Ni kangahe nagomvye gukoranya abana bawe, nk’ukw inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

34 Yewe Yerusalemu, yewe Yerusalemu! Wewe wica abavugishwa n’Imana, ugatera amabuye abagutumweko. Ni kangahe nagerageje kwegeranya abana bawe nk’uko inkoko yegerenya imiswi yayo mu mababa yayo, ariko ukanyankira!

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 13:34
46 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ariko ntibakwumviye, barakugarariza, bashiburira ivyagezwe vyawe inyuma yabo, bica abavugishwa nawe bāhora babahanura ngo babasubize kuri wewe, bakora ivyo kukuratsa bikomeye.


Wamaze imyaka myinshi ubihanganira, watumye Mpwemu wawe kubahanura, avugiye mu bavugishwa bawe, ariko banka kwumva; ni co catumye ubagabura mu maboko y’abanyamahanga bo mu bindi bihugu.


Abisirayeli banezererwe Iyabaremye; Abana b’i Siyoni bagirire akaneza Umwami wabo.


Unzigame nk’imbone y’ijisho, Umpishe mu gitūtu c’amababa yawe,


Mana, ereg’ imbabazi zawe n’iz’ igiciro! Abana b’abantu bahungira mu gitūtu c’amababa yawe.


Ngirira ikigongwe Mana, ngirira ikigongwe, Kuk’ ubugingo bganje buronka ubuhungiro muri wewe: Mbere no mu gitūtu c’ amababa yawe ni ho ngira mpungire, Gushitsa ah’ ibi vyago birenganira.


Icompa abantu banje bakanyumvira, Icompa Abisirayeli bakagendera mu nzira zanje!


Izokubundikira mu moya yayo, Kand’ uzohungira musi y’ivyubi vyayo; Ukuri kwayo n’inkinzo n’icuma co kwīkīngiriza.


Umwami Uhoraho, Uwera w’Abisirayeli, uku ni ko yari yaravuze, ati Mu guhindukira no mu gutēkāna ni ho muzokirira; mu gutekereza no mu vyizigiro ni ho muzoherwa inkomezi; ariko mwebge ntimwabikunze.


Mbeg’ aho naza, n’iki catumye ntagira uwo ndahasanga, ngahamagara, ntihagire uwitaba? Mbeg’ ukuboko kwanje kwabaye kugufi ngo kunanirwe gucungura? Canke se nta bubasha mfise bgo kurokora? Ereg’ iyo nkankamiye ikiyaga ndagikamya, inzūzi ndazihindura ubugaragwa; amafi yari muri zo aranuka, kukw ata mazi ariho, yatikijwe n’inyota.


Nakubise abo mu gihugu canyu, ariko nigoreye ubusa; banse guhaha; inkota zanyu ubganyu zāriritse ba kamenyi banyu nk’intambge itikiza.


bakwega Uriya bamukūra muri Egiputa, bamuzanira umwami Yehoyakimu: amwicisha inkota, ashiburira umuvyimba wiwe mu mva z’ abantu ba nyarucari.


Amajambo ya Yonadabu mwene Rekabu, ayo yihanikirije abana biwe ngo ntibanywe vino, barayashitsa, no gushitsa kur’ uyu musi nta yo banywa, kuko bumviye iragi rya sekuruza; ariko jeho navuganye namwe, nama nzindurwa no kubabarira, namwe ntimwanyumvira.


nuko rero, uku ni ko mvuze, jewe Uhoraho, Imana Nyen’ ingabo, Imana y’Abisirayeli, nt’ Ehe nzozana ku Bayuda no ku baba i Yerusalemu bose ivyago vyose nabageneye, kuko nababūriye bakanka kwumva, nkabahamagara bakanka kwitaba.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Muhagarare mu mayira, mwitegereze, mubaze inzira za kera, inzira nziza iy’ ari yo, abe ari yo mujana, maze muzoronka uburuhukiro bg’imitima yanyu: ariko bo baravuga, bat’ Eka ntituyijana.


Ivyo ni vyo bindiza; amaso yanje, amaso yanje yisuka amosozi; Kuk’ uwompūmurije akandemesha umutima ambaye kure: Abana banje barapfapfanye, kuk’ umwansi yanyigamvye.


Vyatewe n’ivyaha vya ba kamenyi baho, n’ibigabitanyo vy’abaherezi baho, Bāvishirije amaraso y’abagororotsi hagati muri ho.


Arik’ ukw abo navugisha bāshishikara kubahamagara, ni ko bārushiriza kubaja kure, bagatanga ibimazi kuri Bayali, bakosereza imibavu ibishushanyo bibājwe.


Abantu banje bamogoreye gusubira inyuma ngo bamveko; naho bobahamagarira kwerekeza amaso kw Īsumba vyose, ariko nta n’umwe yokwemera kuyishira hejuru.


Noneho ni munezerwe, yemwe bantu b’i Siyoni, munezererwe Uhoraho Imana yanyu: kukw ibahaye imvura y’agatāsi ku rugero rukwiye, kukw ibarekuriye imvura, ikabaha iy’ agatāsi n’iy’ urushana nk’ubga mbere.


Mureke kuba nka ba sogokuruza banyu, abo navugisha kera bābabarira basemerera, bat’ Uku ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize, at’ Enda ni muhindukire muve mu ngeso zanyu mbi no mu bikorwa vyanyu bibi; maze ntibumva, nanje ntibanyumvira, ni k’Uhoraho agize.


Atuma abagendanyi biwe, ngo bahamagare abātōrewe gutaha ubukwe, banka kuza.


Abasigaye bafata abo bagendanyi biwe, babakorera ibara, barabica.


Araraka, yanka kwinjira: se arasohoka, aramwinginga.


bakagukekana n’abana bawe bo muri wewe; kandi ntibazogusigariza ibuye na rimwe rigeretse ku rindi, kuk’ utāmenye igihe wagendewemwo.


Yesu arabakebuka, ati Yemwe bakobga b’i Yerusalemu, ntimundirire, ariko mwiririre n’abana banyu,


Ni nde mu bavugishijwe n’Imana ba sogokuruza banyu batāhamye? Bishe abābanje kumenyekanisha ivyo kuza kwa wa Mugororotsi, none namwe mwaramuguze muramwica:


Maze bakiriko baratera Stefano amabuye, arambaza, aravuga, ati Mwami Yesu, akīra ubugingo bganje.


Bahēra kur’ uwo musi bahama cane ishengero ry’i Yerusalemu: bose basābagirira mu bihugu vy’i Yudaya n’i Samariya, ukūyemw’ intumwa gusa.


Iyo baba abanyabgenge bokwibajije ibi, Bakiyumvira ivy’ iherezo ryabo.


At’ Icompa bagahorana ben’ uwo mutima, ubatera kunyubaha no kwama bitondera ivyagezwe vyanje vyose, kugira ngo bamererwe neza, bo n’uruvyaro rwabo, ibihe vyose!


Imivyimba yabo izogangarara mw ibarabara ryo mu gisagara kinini, ni co mu buryo bg’impwemu citwa Sodomu na Egiputa, kandi ni ho Umwami wabo yabambge.


Uhoraho akwishure ivyo wakoze, uhabge impēra ishitse n’ Uhoraho, Imana y’Abisirayeli, wahungiye musi y’amababa yayo.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ