Biblia Todo Logo
အွန်လိုင်း သမ္မာကျမ်းစာ

- ကြော်ငြာတွေ -




Luka 13:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Arababarira, ati Genda mubgire iyo mbgebge, mut’ Umve, arasenda abadayimoni, arakiza abantu uyu musi n’ejo, ku musi ugira gatatu azotunganywa rwose.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ

Bibiliya mu Kirundi coroshe

32 Yesu arabishura ati: “Genda mubwire iyo mbwebwe ko ndiko ndirukana abadayimoni nongera nkiza abarwaye uno musi n’ejo; ku musi ugira gatatu nzoba ndangije igikorwa canje.

အခန်းကိုကြည့်ပါ။ ကော်ပီ




Luka 13:32
16 ပူးပေါင်းရင်းမြစ်များ  

Ni mudufatire imbgebge, twa tubgebge duto‐duto twonona imirima y’imizabibu, Kukw imizabibu yacu ishuritse.


Yemwe Bisirayeli, ba kamenyi banyu bameze nk’imbgebge zo mu bitongozi!


Abaganwa bo muri wo ni nk’intambge zīvuga; abacamanza bawo ni nk’amabingira agenda ijoro, atagira ico arāza na mba.


Umwami Herode aravyumva, kukw izina rya Yesu ryari ribaye rurangiranwa, aravuga, ati Yohana Umubatizi yāzutse mu bapfuye, ni co gituma ivyo bitangaza bikorera muri we.


Yesu arababgira, ati Naberetse ibikorwa vyiza vyinshi bivuye kuri Data, ikibanteresha amabuye mur’ ivyo bikorwa n’ikihe?


Yesu amaze kuyihabga, aravuga, ati Birarangiye. Araheza ajondamika umutwe, umutima uraca.


Kukw iyo, (ni yo yaremewe vyose kandi ni yo ibeshejeho vyose), mu kurōngōra abana benshi ngw ibazane mu bgiza, vyari biyikwiye gutunganisha rwose indōngōzi y’agakiza kabo kubabazwa.


kand’ amaze guhīngūrwa rwose, abera abamwumvira bose inyanduruko y’agakiza kadashira:


Ivyagezwe bishirah’ abanyantege nke kuba abaherezi bakuru, arikw ijambo ry’indahiro yaherukiye ivyagezwe rishirah’ Umwana w’Imana yahīngūwe rwose gushitsa ibihe bidashira.


ကြှနျုပျတို့နောကျလိုကျပါ:

ကြော်ငြာတွေ


ကြော်ငြာတွေ